57 Kandi namwe ubganyu n’iki kibabuza kugenzura ivyo kugororoka?
57 Ni kuki mudashobora guca urubanza, mugahitamwo ikibereye?
Ntimupfe guca imanza ku biboneka, ariko muce imanza z’ukuri.
Iyo baba abanyabgenge bokwibajije ibi, Bakiyumvira ivy’ iherezo ryabo.
Akameremere kacu mbega ntikabigisha yuk’ umugabo yotega umushatsi, womutera isoni,
Iyo bitoshe, murabibona, mukamenya ubganyu yukw agatāsi kari hafi:
Kuko Yohana yaje muri mwebge agendera mu nzira yo kugororoka, kandi ntimwamwemera. Arikw abatozakori n’abasambanyikazi baramwemeye. Namwe mubibonye, no hanyuma ntimwirimbura ngo mumwemere.
Kand’ ashingisha intahe ayandi majambo menshi, arabahanūra, ati Ni mwikize ab’ iki gihe kigoramye.
Yesu arabishura, ati Ndababgire ukuri: Iyo muba muri n’ukwizera, mudakekeranya, ntimwokora ic’ uyu musukoni gusa, ariko mwobgira n’uyu musozi, muti Shingūka, utabge mu kiyaga; vyoba ko.
Ni mwiyumvire ubganyu uko biri. Mbega birakwiye k’umugore asenga Imana atitwikiriye mu mutwe?