43 Hahirwa uwo mushumba shebuja agarutse azosanga akora artyo.
43 Azoba ahiriwe uwo mukozi shebuja azosanga akora gutyo niyagaruka.
Umwami Yesu na we aramubaza, ati Ni nde mubgiriza wo kwizigirwa w’ubgenge, shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw abagaburire ku ngero yabo igihe kigeze?
Ndababgira ukuri yukw azomuha kugaba ivy’ afise vyose.
Amaso yanje azoba ku bizigirwa bo mu gihugu, kugira ngo tubane: Ūgendera mu nzira itunganye, ni we azonkorera.
Ūbungabunga umusukoni wiwe azorya insukoni zawo, Kand’ ūkorera shebuja neza azohabga icubahiro.
Hahirwa umuntu akora ivyo, n’umwana w’umuntu abibangiriza, akaziririza isabato ntayikēngēre, akarinda ukuboko kwiwe ntigukore icaha na kimwe.
Hahirwa uwo mushumba shebuja agarutse azosanga akora artyo.
Hahirwa abo bashumba, abo shebuja azoza agasanga bari maso: ndababgire ukuri: Azokenyera, abicarike, aze, abagaburire.
Ni co gituma, abo nkunda, kuko mureretse ivyo, mukwiye kugira umwete wo kuzosangwa mu mahoro, mutagira ikirabagu, mutarik’ umugayo imbere yiwe.