Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 12:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kandi ndabgira mwebge abakunzi banje: Ntimugatinye abica umubiri, hanyuma batagira ikindi bazobagira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Bagenzi banje, umve ndababwire: ntimugatinye abica umubiri ariko inyuma y’ivyo ata kindi bashobora kubagira.

Gade chapit la Kopi




Luka 12:4
20 Referans Kwoze  

Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane‐cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubirimuri Gehinomu.


Ntuz’ ugire ubgoba kubgabo, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ntutinye ivy’ ugira ubabazwe. Eh’ uwo Murwanizi agira ashire bamwe muri mwebge mw ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi cumi. Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo.


ko mudakangwa n’abarwanizi ku kintu na kimwe; ico kizobera abo ikimenyetso co guhona, ariko mwebge ic’ agakiza, kandi kivuye ku Mana.


Yamara naho mwobabazwa muhōwe ukugororoka, mwoba muhiriwe. Ntimuze mutinye ivyo babakangisha, ntimuhagarike imitima,


Kand’ icanditswe kirashika, kivuga ngo Aburahamu yizeye Imana, ibimuharūrako nk’ukugororoka; kandi yitwa umukunzi w’Imana.


Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.


Kandi nawe, mwana w’umuntu, ntuz’ ubatinye, ntuz’ utinye n’amagambo yabo, n’iyo woba mu mikere no mu mahwa, ukabana na za sikorupiyo: ntuz’ utinye amagambo yabo, canke ng’urandurwe umutima n’igitsure cabo, nah’ ar’ inzu y’abagarariji.


Babonye ugushira amanga kwa Petero na Yohana, kandi babona ko batigishijwe, atar’ abanyabgenge, baratangara; maze bamenya ko bābana na Yesu;


None rero wewe va hasi ukenyere, ubabgire ivyo nkubarira vyose: ntuhindishwe agashitsi na bo, kugira ngo noye kuzoguhindishiriza agashitsi imbere yabo.


Ariko weho Isirayeli musavyi wanje, Yakobo uwo natoranije, ruvyaro rwa Aburahamu umukunzi wanje:


Ndashitse mu murima wanje, mushikanje, mugeni wanje. Nomoroye isenga yanje ku giti, navuvuye imibavu yanje, Nariye ibinyagu vyanje n’ ubūki bganje, Nanyoye vino yanje n’amata yanje. Ni murye, bagenzi, Ni munywe, mbere ni munywe muhimbishwe n’ urukundo.


Akanwa kiwe kavamw’ amajambo aryoshe: mbere wese n’uw’ igikundiro. Uwo ni we mukunzi wanje, ni we mugenzi wanje, Yemwe bakobga b’i Yerusalemu.


Gutinya abantu n’ukwitega umutego, Arik’ uwizigira Uhoraho azoba amahoro.


kubg’ Abakaludaya: kuko bābatinya, kuko Ishimayeli mwene Netaniya yari yishe Gedaliya mwene Ahikamu, uwo umwami w’i Babuloni yari yarashizeho kuganza igihugu.


Nta wogira urukundo ruruta urw’ uk’ umuntu yigura abakunzi biwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite