Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 12:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Umuntu yishingurira ni kw amera, atar’ umutunzi mu vy’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Uko ni ko bizogenda kuri abo bose biyegeraniriza ubutunzi bwabo ariko badatunze mu buryo bw’Imana.”

Gade chapit la Kopi




Luka 12:21
14 Referans Kwoze  

Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?


Mugure ivyo mufise, mutange ibiguzi vyavyo kubg’ ubuntu; mwibarīrire imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw ijuru, ahatēgērwa n’igisuma, ata n’inyenzi zōnōna:


ngo Ndazi amarushwa yawe n’ubgoro bgawe (yamar’ ur’ umutunzi), n’ibitutsi vy’abiyita Abayuda, atari bo, arikw ar’ isinagogi ya Satani.


Azobona ibara, ūronderera inzu yiwe inyungu mbi, kugira ngo yiyarikire icāri ciwe hejuru iyo bigwa, ngw abone gukira ukuboko kw’umunyakibi!


Abisirayeli bār’ umuzabibu utotahaye, wama inzabibu zawo; ukw ivyo bamye vyabaye vyinshi, ni ko bagiye bagwiza ibicaniro vyabo vy’ibigirwamana; kand’ ukw igihugu cabo cagiye imbere, ni ko bagiye bashariza inkingi z’ibigirwamana.


Ariko kuk’ ufise umutima ukomantaye utihana, wirindiriza uburake buzoba ku musi wo kuraka, ah’ amateka abereye y’Imana azohishurirwa,


Namba mutabaye abizigirwa kw itunga ribi mubīkijwe, ni nde azobabītsa itunga nyaryo?


Ariko muzobona ibara, mwebge abatunzi; kuko muhejeje gutunganirwa.


tuboneka nk’abababara, ariko tunezerwa imisi yose; tuboneka nk’aboro, ariko dutungisha benshi; tuboneka nk’abatagira ico batunze, yamara dutunze vyose.


Har’ uwifata rutunzi ata co afise, Har’ uwifata rworo kand’ afise ibitayega.


Arikw abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite