Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 12:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kand’ abacira umugani, ati Hābaye umuntu w’umutunzi yar’ afise itongo rimera cane.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Aca abacira umugani ati: “Habaye umugabo w’umutunzi yarimye itongo ryiwe aronka umwimbu mwinshi cane.

Gade chapit la Kopi




Luka 12:16
13 Referans Kwoze  

Erega ntiyamenye kw ari jewe namuha za ngano na vino n’amavuta, nkamusenyurirakw ifeza n’izahabu, ivyo bākoreshereje Bayali.


Ereg’ abo ni bo banyavyaha: Kandi bama bīdibamiye, ubutunzi bgabo buragwira.


Kuko nagirira ishari abībone, Aho nabona abanyakibi baguwe neza.


Ingo z’abambuzi zigira amahirwe, N’abavyogoroza Imana baba amahoro; Inkomezi zabo ni zo bagize imana yabo.


Ariko ntiyabirekeye ngaho, itagira ico kuyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, ibaha imvura iva mw ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza, ibahāza ivyo kurya, yuzuza imitima yanyu umunezero.


kugira ngo mube abana ba So wo mw ijuru, kukw atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’ aha imvura abagororotsi n’abagabitanya.


Rāba, ibi ni vyo bigabitanyo vya murumunawe Sodomu: kugira ubgibone, n’ukwibera mu gahimbo k’indya, n’ ugutsindaza ata co yinona; ivyo ni vyo vyari muri we no mu bakobga biwe; kandi ntiyatabaye impahazwa n’umukene.


Izindi zigwa mw ivu ryiza, zihunda impeke, zimwe ijana, izindi mirongwitandatu, izindi mirongwitatu birtyo birtyo.


Kand’ arababarira, ati Murumva, mwirinde ukwifuza kwose, kuk’ ubugingo bg’umuntu butava mu bihinda vy’ibintu atunze.


Yiyumvira mu mutima wiwe, ati Ndagira nte, ko ntagira aho nimburira imirima yanje?


Ibaha kuba amahoro, bakayadibamamwo; Kand’ inyonga zayo izihanze ku nzira zabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite