12 Kuko Mpwemu Yera mur’ ako kanya nyene azobategekera ivyo mukwiye kuvuga.
12 Mpwemu Yera azobaha ivyo mukwiye kuvuga ako kanya nyene.”
kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.
Kukw atazoba ari mwebge muvuga, azoba ari Mpwemu wa So avugira muri mwebge.
Nuko Petero, yuzuye Mpwemu Yera, arababarira, ati Yemwe bashingantahe b’abantu n’abakuru,
ariko ntibashobora gutsinda ubgenge na Mpwemu bimuvugisha.
Uhoraho aramwishura, ati Ni nde yaremye akanwa k’umuntu? canke ni nde atera uburagi, cank’ ubupfamatwi, cank’ aha umuntu kubona, cank’ amuhumisha? Si jewe, Uhoraho?
Ariko Stefano yuzuye Mpwemu Yera, ahanga amaso mw ijuru, abona ubgiza bg’Imana, na Yesu ahagaze i buryo bg’Imana:
Nuko none genda, nanje nzobana n’akanwa kawe, nkwigishe ivyo ukwiye kuvuga.
Ariko babashengeranye, ntimuze muhagarikire imitima ico muyuga n’ingene muzokivuga, kukw ivyo muvuga muzobihabga mur’ ako kanya.
Maz’ umuntu wo mw ishengero aramubgira, ati Mwigisha, mbaririra mwene mama tugabure umwandu.