Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 12:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kandi ni bābajana mu masinagogi bakabashīra abakuru n’abaganza, ntimuze muhagarikire imitima ico mwireguza n’ingene mwiregura, n’ico muvuga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Nibabashengeza mu masinagogi, imbere y’abatware n’abategetsi, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzokwireguza canke muzovuga.

Gade chapit la Kopi




Luka 12:11
14 Referans Kwoze  

Abgira abigishwa biwe, ati Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya, cank’ umubiri wanyu ku vyo muzokwambara.


Ehe ngira ntume abavugishwa n’Imana n’abanyabgenge bo n’abanyabgenge b’ivyanditswe; bamwe muri bo muzobica, mubabambe, abandi muzobatonagurira mu masinagogi yanyu, mubatuza mu bisagara vyose;


Nuko none genda, nanje nzobana n’akanwa kawe, nkwigishe ivyo ukwiye kuvuga.


Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya canke ku vyo muzonywa, cank’ umubiri wanyu ku vyo muzokwambara. Mbeg’ amagara ntaruta ivyo kurya, cank’ umubiri nturuta ivyambarwa?


Ni nde muri mwebge yoshobozwa n’amaganya kwisumvya uko yareha nk’ukuboko kumwe?


Ikibaganyisha impuzu n’iki? Ni murābe amashurwe yo ku misozi ingen’ akura, ntiyirirwa aratama, ntajisha impuzu;


Nuko ntimukiganyire, ngo Tuzorya iki? canke Tuzonywa iki? canke Tuzokwambara iki?


Ntimukiganyire ivy’ ejo, kuk’ umusi w’ejo uzoba wiganyira ivyawo; umusi ukwiranye n’amagorwa yawo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite