Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 12:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mur’ ico gihe, ishengero ry’abantu ibihumbi vyinshi rikoranira kuri we, bakandagirana, ahēra ku bigishwa biwe, arababarira, ati Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ni wo buryarya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Muri ako kanya nyene, abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko baragwirirana, gushika aho ata waronka aho ahonyora. Yesu aca atangura kubigisha ahereye ku bigishwa biwe, abagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ari bwo buryarya.

Gade chapit la Kopi




Luka 12:1
18 Referans Kwoze  

Nuko rero mwiyambure inzigo yose n’ubugunge bgose n’uburyarya n’ishari no kuvuga abandi nabi kwose,


Arik’ ubgenge buva mw ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubg’ amahoro, burengenga, bukunda kugīrwa inama, bguzuye imbabazi n’imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya.


Mwa ndyarya mwe, murazi kugendeza isi n’ijuru, n’iki kibabuza kugendeza iki gihe?


Kand’ abatubaha Imana mu mitima yabo bāmana umwikomo: Iyo ibaboshe ntibaruha bayitakambira.


None se ūtubaha Imana agira ivyizigiro ki, Iy’ Imana imuciye, ikamwaka ubugingo bgiwe?


Ukwihaya kw’abanyakibi kumara igihe gito, No kunezerwa kw’abatubaha Imana ar’ ukw’ akanya isase?


Maze wa mugabisha umwami yagenda yegamiye, umwami amushira mw irembo kubuza ababandana; arikw abantu bamucako bamuhonyangira aho nyene mw irembo, arapfa, nk’uko wa muntu w’Imana yavuze, igihe umwami yaza ah’ ari.


Kuko nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’ukw ivyanditswe bivuga,


Na bo bavyumvise bahimbaza Imana; maze baramubgira, bat’ Urabona, mwene Data, ingen’ Abayuda bizeye ar’ ibihumbi vyinshi; kandi bose bagira ishaka ry’ivyagezwe.


Muzobona ibara, kuko musa n’imva zitamenyekana, abantu bakazicako batabizi.


Amanukana na bo, ahagarara ahateze, kandi hārih’ ishengero ryinshi ry’abigishwa biwe, n’ishengero ryinshi ry’abantu bavuye i Yudaya hose n’i Yerusalemu no mu gihugu co muri Tiro n’i Sidoni gihereranye n’ikiyaga kinini, baje kumwumva no gukizwa indwara zabo.


Arikw inkuru yiwe irushiriza gukwira, ishengero ryinshi rikoranira kumwumva no gukizwa indwara zabo.


Nukw ishengero ririko riramubanda ryumva ijambo ry’Imana, yar’ ahagaze ku musenyi w’ikiyaga c’i Genesareti.


Abanyavyaha b’i Siyoni baratinye; agatengo gafashe giturumbuka abatubaha Imana. Muri twebge ni nde yoshobora kubana n’umuriro utongora, kandi muri twebge ni nde yoshobora kubana n’ikibengebenge kidahengeshanya?


Ariko mwegereye umusozi Siyoni, n’umurwa w’Imana nzima, Yeru salemu ho mw ijuru, n’ikoraniro rikuru ry’isinzi ry’abamarayika,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite