Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 11:53 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

53 Maz’ asohotse, abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo batangura kumusugereza no kumwiyandagazako ngo bamuvugishe vyinshi,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

53 Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aca ava aho hantu. Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baca batangura kumugwanya cane, bamubaza ibibazo ku bintu bitandukanye,

Gade chapit la Kopi




Luka 11:53
11 Referans Kwoze  

ntirukora ibiteye isoni, ntirurondera ivyarwo, ntirwiciraho, ntirwiyumvira ikibi ku bantu,


Abasadukayo bamwe baza kuri we, ni bo bahakana yukw ata kuzuka kuriho, baramubaza,


Baramugenza, batuma abo kumudaha bīgira intungane, ngo bakūre urwitwazo mu vyo avuga, bamushīre segaba nyen’ ububasha, ari we cēgēra ca Kayisari.


Kuko numvise benshi bandementaniriza, ubgoba bukantera irya n’ino. Abakunzi banje pfampfe bose, ni bo barereka ko notsitara, bavuga, bati Mumurege, natwe tumurege, kumbure yogwa mu mutego, natwe tukamunesha, tukamwīhōra.


Maze baravuga, bat’ Enda ni muze, duhigire imihigo Yeremiya; kukw ahar’ umuherezi hatobura n’ivyagezwe, kand’ ahar’ umunyabgenge ntihobura n’inama, kand’ ahar’ ūvugishwa n’ Imana ntihobura ijambo ryayo. Enda ni muze, tumukubitishe intega y’ururimi, ntidushire umutima ku magambo yiwe, mwo na rimwe.


Abasiriya bazomuturuka imbere, Abafilisitiya na bo bamuturuke inyuma: bazokwasamira Isirayeli bamutsontsomere. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.


Muzobona ibara, abigisha ivyagezwe, kuko mwatwaye urupfunguzo rw’ubgenge: ntimwinjiye ubganyu, n’abāgomba kwinjira mwarababujije.


bamutega ngo bafate ijambo ryomukorokana.


Nanje ubganje nahora niyumvira muri jewe yuko nkwiye gukora vyinshi birwanya izina rya Yesu Umunyanazareti.


Ni co catumye twinginga Tito, ngw asozere ico gikorwa c’ubuntu no muri mwebge, nk’uko yagitanguye kera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite