Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 11:44 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 Muzobona ibara, kuko musa n’imva zitamenyekana, abantu bakazicako batabizi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

44 Muzobona ibara kuko mumeze nk’imva zitaboneka, abantu bakazicako batabizi.”

Gade chapit la Kopi




Luka 11:44
7 Referans Kwoze  

Maze Paulo aramubgira, at’ Imana izogukubita, wa rusika rukuyengejekw ingwa: mbega wewe ko wicaritswe no kuncira urubanza nk’ukw ivyagezwe biri, ugatako ukavuga ko bankubita ukanyuranya n’ivyagezwe?


Kukw ata kuri kuri mu kanwa kabo; Imbere muri bo n’imanga, Imihogo yabo n’imva zirangaye, Bahemanisha indimi zabo.


Efurayimu n’umushibamyi yīmīra Imana yanje: arik’ ūvugishwa n’Imana we, umutego w’abatezi b’inyoni uri mu nzira ziwe zose, n’urwanko rumutanga mu ngoro y’Imana yiwe.


Kand’ umuntu azoba ari ku gahinga, agakora ku kiziga c’ umuntu yishwe n’inkota, canke ku kindi kiziga cose, canke kw igufa ry’umuntu, canke ku mva, azoba ahumanye kumara imisi ndwi.


Kandi ni kanzinya hanyuma y’imbuto zose, arikw iyo gakuze kaba kanini kakaruta ibirimwa vyose, kakaba igiti. Maz’ inyoni zo mu kirere zikaza zikārika mu mashami yaco.


kand’ abahita mu gihugu ni bahaca, hakagira ūbona igufa ry’ umuntu, az’ arishingekw ikimenyetso, gushitsa ah’abahamvyi bazorihamba mur’ ico kiyaya c’isinzi rya Gogi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite