Luka 11:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)42 Ariko muzobona ibara, Bafarisayo, kuko mutanga ikigiracumi c’imbgija n’isogi n’imboga zose, ariko guca izibereye no gukunda Imana mukavyirengagiza. Ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke. Gade chapit laBibiliya mu Kirundi coroshe42 Muzobona ibara yemwe Bafarisayo, kuko mutanga ikigiracumi kuri vyose, gushika no ku mboga zo mu matongo yanyu, ariko mukirengagiza guca imanza zibereye, no gukunda Imana. Mwari mukwiye gutanga ico kigiracumi, n’ivyo bindi mutavyirengagije. Gade chapit la |
Tuzohora tuzana ifu yacu y’umushuzo isewe iheretuwe, n’amashikanwa yacu azunguzwa, n’umushuzo w’ ivyama ku biti vy’ubgoko bgose, n’uwa vino n’amavuta, tubishikirize abaherezi, babishingure mu vyumba vyo ku ngoro y’Imana yacu; n’Abalewi tuzobashikiriza ikigiracumi c’ivyeze vyo mu mirima yacu, kukw Abalewi ari bo bākīra ibigiracumi mu bisagara vyacu vyose aho dufise imirima.