Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 11:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Ariko mutange ibir’ imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’ umve, vyose bizobabera ibiziruwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Nuko rero nimuhe aboro ku vyo mufise, maze ibindi vyose kuri mwebwe bizoba bihumanuwe.

Gade chapit la Kopi




Luka 11:41
37 Referans Kwoze  

Mugure ivyo mufise, mutange ibiguzi vyavyo kubg’ ubuntu; mwibarīrire imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw ijuru, ahatēgērwa n’igisuma, ata n’inyenzi zōnōna:


Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’ isi.


Ku badahumanye nta gihumanye, ariko ku banduye, batizera, nta kidahumanye, arik’ ubgenge bgabo n’imitima ibāgiriza vyaranduye.


Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kukw ibimazi bimeze birtyo ari vyo bihimbara Imana.


Iryo jwi risubira kuza ubugira kabiri, riramubarira, rit’ Ivy’ Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira.


Nanje ndababgire, Itunga ribi muryironkeshereze incuti, ngo ni ryabura baze babatunge mube muri za ngo zitazoshira.


None mugenzi, wemere inama nkugīra; reka ivyaha vyawe ukore ibigororotse, kand’ ureke ibigabitanyo vyawe ugirire akagongwe impahazwa; kugira ngo kumbure kuroranirwa kwawe kube kuramaze kabiri.


Ūgirira akagongwe umugorwa aba agurānye Uhoraho, Kand’ ukugira neza kwiwe azokumwishura.


Ūnyikije umugorwa aba agaye Umuremyi wiwe, Arik’ ūgirira ikigongwe agakene, uwo we aba amwubashe.


Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze.


Kukw iyo har’ umutima ukunze, wemerwa ku vy’umuntu afise, si ku vy’ adafise.


Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.


Yesu avyumvise aramubgira, ati Na non’ uhajije kimwe; shōra ivy’ ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.


Ūgusaba, umuhe, ūgomba kukugurana, ntumutere ibitugu.


Yatanze isābagire, yahaye abakene, Ukugororoka kwiwe kwamah’ ibihe bidashira. Ihembe ryiwe rizoshirwa hejuru mu cubahiro.


Hahirwa ūbabara umurushwa; Uhoraho azomurokora ku musi w’ivyago.


Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza, kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye.


Maz’ abigishwa, umuntu wese nk’ukw atunze, bashinga kurungikira bene Data baba i Yudaya ivyo kubatabara.


Aboro muramana imisi yose, ariko jeho ntituja kwamana imisi yose.


Maz’ imyaka myinshi ishize, njanwayo no gushīra ubgoko bgacu ivy’ubuntu, no gutanga ibimazi.


Ibigabitanyo bikūrwaho n’ imbabazi n’ukuri, Kand’ abantu bakūrwa mu bibi no kwubaha Uhoraho.


kuko kitagiye mu mutima wiwe, ariko kija mu nda, kigaca mu nzira yaco? Ivyo yabivugiye kuzirura ivyo kurya vyose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite