Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 11:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha Mpwemu Yera abamumusavye?”

Gade chapit la Kopi




Luka 11:13
30 Referans Kwoze  

None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha ivyiza abamusavye?


Yesu aramwishura, at’ Iy’ uba war’ uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’ūgusavye ngo Mpa utwo kunywa uw’ ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y’ubugingo.


Ītimanye Umwana wayo, ikamutanga kubgacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we?


Muhindukire kubgo kwihanikiriza kwanje: Rāba, nzosuka impwemu yanje kuri mwebge, Nzobamenyesha amajambo yanje.


Petero arabishura, ati Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera.


Hanyuma y’ivyo nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose; abahungu banyu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, n’abatāma banyu bazorota inzozi, n’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe.


Kandi nzobashiramwo Mpwemu wanje, ndabagendeshereze mu vyagezwe vyanje, namwe muzokwitondera amabgirizwa yanje, muyashitse.


Mbeg’ umugore yokwibagira umwana akiri kw ibere, ngo yoye kugirira akagongwe ubura bgiwe? Ni koko, abo boshobora kwibagira, ariko jeho sinoshobora kukwibagira.


Kuko ni mwaharira abantu ivyaha vyabo, na So wo mw ijuru azobaharira namwe.


Kukw ivyo vyose abanyamahanga ari vyo bitwaririka; ariko So wo mw ijuru arazi kw ivyo vyose mubikena.


Arababarira, ati Ni mwasenga, muvuge muti Data, izina ryawe ryubahwe, ubgami bgawe buze;


Non’ Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi irtyo, birih’ uyu musi, ariko nk’ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebge ab’ ukwizera guke mwe?


kugira ngo mube abana ba So wo mw ijuru, kukw atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’ aha imvura abagororotsi n’abagabitanya.


Abe ari k’umuco wanyu ubonesha imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw ijuru.


Rāba, nabumbanywe ukugabitanya, Mu vyaha ni ho mama yamvyariye.


Ndazi yuko muri jewe, mu kameremere kanje, ata ciza kimbamwo: kuko kugomba gukora iciza kubana nanje, ariko kugikora nta kwo.


Kw igicumuro c’umwe catumye urupfu rushirwa ku ngoma n’umwe, abākīra ubuntu n’ingabire yo kugororoka bisēsekaye bazorushiriza gushirwa ku ngoma mu bugingo n’umwe, Yesu Kristo.


Kuko natwe nyene kera twar’ ibipfu, tur’ intabarirwa, tuzimizwa, tujakariye ukwifuza n’ukwinezereza vy’uburyo bginshi, twama tugira urwanko n’igono, tur’ abo kwankwa natwe twankana.


Uhoraho amoterwa n’umubabge mwiza wavyo, maz’ Uhoraho yiyumvira mu mutima wiwe, ati Sinzokwongera kuvuma isi ukundi kubg’ abantu, kukw imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo: kandi sinzokwongera kwica ukundi ibifise ubugingo vyose, nk’uko nakoze.


canke yomusaba irigi, akamuha sikorupiyo?


None mbeg’ Imana ntizocira abo yatoranije urubanza rubakiza, bayiborogera ku murango no mw ijoro, nah’ ibatevya?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite