10 Kuk’ ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka; ūramutsa yugururirwa.
10 Kuko uwusaba wese arahabwa, uwurondera araronka, n’uwudodora arugururirwa.
murasaba ntimuhabge, kuko musaba nabi, kugira ngo muvyononere mu bibahimbara.
Maze ndavuga, nt’ Inkomezi zanje zirashize, n’ivyizigiro nari mfise k’Uhoraho na vyo biraheze.
Jeho navuganye ukwihebura, nti Ndarandutse, nkūwe mu nyonga zawe: Ariko weho wumvise ijwi ry’ ukwinginga kwanje hamwe nagutakambira.
Eh’ abihanganye tubita abahirwe: mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, mwabonye ivy’ Umwami Imana yaherutse kumugirira, ingene yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe.
Abacira umugani wo kubigisha ko bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe,
Mber’ iyo ndamutakambiye ndamutabaza, ugusenga kwanje akwugaranira hanze.
Ūgusaba, umuhe, ūgomba kukugurana, ntumutere ibitugu.
Kuk’ ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka; ūramutsa yugururirwa.
Nanje ndababgire: Musabe muzohabga; murondere muzoronka; muramutse muzokwugururirwa.
Kandi ni nde muri mwebge w’umuvyeyi, umwana wiwe yomusaba umutsima, akamuha ibuye; canke yomusaba ifi, akamuha inzoka;