Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 11:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maz’ ar’ ahantu, asenga; ahejeje, umwe mu bigishwa biwe aramubgira, ati Mugenzi, twigishe gusenga, nk’uko Yohana yigishije abigishwa biwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Umusi umwe Yesu yari ahantu ariko arasenga. Ahejeje, umwe mu bigishwa biwe aramubwira ati: “Mwami, twigishe gusenga nk’uko Yohana yigishije abigishwa biwe.”

Gade chapit la Kopi




Luka 11:1
14 Referans Kwoze  

Amajambo yo mu kanwa kanje, n’ivyiyumviro vyo mu mutima wanje, bize bishimwe mu nyonga zawe, Uhoraho, gitandara canje, mucunguzi wanje.


Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake ku kwizera kwanyu kwera cane, musengere muri Mpwemu Yera,


Mur’ iyo misi avayo, aja ku musozi gusenga: akesha ijoro asenga Imana.


Maze yarikw arasenga yiherereye, abigishwa biwe bāri kumwe na we; arababaza, at’ Abantu bagira ngo ndi nde?


Kristo mu misi yabaye mu mubiri, amaze kwinginga no gusenga cane iyashoboye kumukiza urupfu, atakamba cane arira, kand’ amaze kwumvirwa kubgo kuyubaha kwiwe,


Hanyuma y’ayo majambo, hashize imisi nka munani, ajana Petero na Yohana na Yakobo, adūga igisozi, aja gusenga.


Uhoraho, wumvise ivyo abaciye bugufi bagomba: Uzokomeza imitima yabo, uzohora ubanze ugutwi,


Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe, aramubarira, ati Nta co urira.


Yohana ahamagara babiri mu bigishwa biwe, abatuma ku Mwami Yesu, ati Muti Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?


arikw ibikwiye rwose ni kimwe: kuko Mariya ahisemw’ umugabane mwiza, atazokwakwa.


Arababarira, ati Ni mwasenga, muvuge muti Data, izina ryawe ryubahwe, ubgami bgawe buze;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite