Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 10:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kand’ iyo nzu nyene muze muyigumemwo, murya munywa ivyo babahaye; kuk’ umukozi akwiye ingero yiwe. Ntimugende murarāraguza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Muze mugume muri iyo nzu nyene, mufungura kandi munywa ivyo babahaye, kuko umukozi wese abereye impembo yiwe. Ntimuze muve mu nzu muja mu yindi.

Gade chapit la Kopi




Luka 10:7
18 Referans Kwoze  

Umurimyi kukw ari we yacumukuye ni we akwiye kubanza gusoroma ku vyeze.


Arik’ uwigishwa ijambo ry’Imana ahe umwigisha mu vyiza vyose.


Kand’ inzu yose muzokwinjiramwo, abe ari yo mugumamwo, kugeza aho muzovira aho hantu.


Kand’ arababgira, at’ Inzu yose muzokwinjiramwo, abe ari yo mugumamwo, kugeza aho muzovira aho hantu.


Kand’ ikindi, biga kugira ubunebge, bagenda imihana; ariko rero s’ubunebge gusa, ikigeretseko bararegeteranya bīta mu bitar’ ivyabo, bavuga ivyo badakwiye.


Arabadūgana, abajana i we, arabagaburira, anezeranwa cane n’abo mu nzu yiwe bose, kuko yizeye Imana.


Amaze kubatizanywa n’abo mu nzu yiwe, aratwinginga, at’ Asangwa mubonye nd’uwizeye Umwami Yesu, ni muze i wanje, musembereho. Aratugōbēra.


muheze munezererwe imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mwe n’abahungu banyu n’abakobga banyu, n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba muri mwebge, kukw Abalewi ata mugabane cank’ ishamvu bafise muri mwebge.


Bavuye mw ibohero, baja kwa Ludiya, barinjira; bamaze kubona bene Data, barabahanūra, bavayo.


Ni yaba irimw’ umunyamahoro, amahoro yanyu azoba kuri we: ni bitāmera birtyo, azobagarukako.


Muzobirīra aho mugomba hose, mwe n’abo mu ngo zanyu; kukw ar’ impembo zanyu muhemberwa ibikorwa mukorera mw ihema ry’ibonaniro.


Az’ agire umugabane ungana n’uw’ abandi ku vyo kurya, ukūye ivyo yaguze itongo yarazwe na se.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite