Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 10:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Umwami Yesu aramwishura, ati Marita, Marita, urīganyira wigora muri vyinshi:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Ariko Umwami Yesu aramwishura ati: “Marita, Marita, reka guhagarika umutima, wigora muri vyinshi.

Gade chapit la Kopi




Luka 10:41
13 Referans Kwoze  

Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka.


Ariko mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego:


maz’ umwitwaririko w’ivy’ isi n’uruhendo rw’ubutunzi no kwifuza ibindi, iyo bibinjiyemwo, binyoha iryo jambo, rikaba ikirumbirane.


Abgira abigishwa biwe, ati Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya, cank’ umubiri wanyu ku vyo muzokwambara.


Izaguye mu mahwa n’abaryumvise, maze bariko barīgīra umwitwaririko wo mur’ ubu bugingo, bo n’ubutunzi n’ibihimbaro vyo muri bgo, bikabanyoha, ntibame imbuto nziza.


Ko har’ ibintu vyinshi bigwiza ibitagira ikimazi, none vyungura umuntu iki?


Maze bariko baragenda bashika mu mihana: umugore yitwa Marita aramwākīra amushikiza mu nzu yiwe.


Ariko Marita ahagarikira umutima kuzimana vyinshi; aramwēgēra, aramubgira, ati Mugenzi, ntibikubabaje yuko mwene mama yantereranye ibikorwa? Nuko mubarire amfashe.


Hārih’ uwar’ arwaye, ni Lazaro w’i Betaniya, ni wa musozi Mariya na mwene nyina Marita bābako.


Kandi Yesu yarakunda Marita na mwene nyina na Lazaro.


Barahamuzimanira; Marita yarahereza, kandi na Lazaro yar’ umwe wo mu bicaranye na we basangira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite