Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 10:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ntimujane umupfuko w’amahera, cank’ isaho, cank’ inkweto: kandi ntihagire n’uwo muramukanya mu nzira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ntihagire amahera, isakoshi canke ibirato vyo gukuranya mwitwaza; kandi ntimuramutse abantu mu nzira.

Gade chapit la Kopi




Luka 10:4
13 Referans Kwoze  

Kand’ arababaza, ati Hamwe nabatuma mudafise umupfuko w’amahera cank’ isaho cank’ inkweto, har’ ico mwabuze? Baramwishura, bati Nta co twabuze.


Elisa abarira Gehazi, ati Kenyera, wābīre inkoni yanje, ugende; ni hagira uwo muhūra, ntimuramukanye; n’ūgomba ko muramukanya, ntumwishure: uheze urambike iyo nkoni ku maso y’umuvyimba w’uwo mwana.


Amaso yawe atumbere imbere, N’ibigohe vyawe vyerekeze imbere yawe.


Nuk’ uwo mugore ashirisha amatandiko ku ndogoba, abarira uwo muntu, ati Yobora tugende: ntuyigenze bu horo shiti nkubgiye.


Dawidi abaza Ahimeleki, ati Mbega nta cumu wogira hano cank’ inkota? Nta nkota nazanye cank’ ikindi kirwanishwa, kuk’ urubanza rw’umwami rwar’ urwo kwihuta.


Arabishura, ati Nta co muntebereza, kuk’ Uhoraho yahaye urugendo rwanje umugisha: ni munsezere, nsubire kwa databuja.


Bamuzanira izimano ngw arye: maz’ aravuga, ati Sindya, ntaravuga ivyo natumwe. Uwundi ati Vuga.


Ahamagara bamwe cumi na babiri, atangura kubatuma babiri-babiri, abaha ububasha ku mpwemu zihumanye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite