Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 10:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 aramwēgēra, amupfuka inguma, amusomōza amavuta ya elayo na vino, amushira ku ndogoba yiwe, amujana mu ndāro y’abahita, aramurwaza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Aca aramwegera, asomoza ibikomere vyiwe umuvinyu, abisiga amavuta ya elayo, hanyuma abipfukisha igitambara. Aca amushira ku ndogoba yiwe, amutwara mu nzu y’ingenzi, abandanya amwitaho.

Gade chapit la Kopi




Luka 10:34
14 Referans Kwoze  

Ariko, Umwansi wawe ni yasonza, umugaburire; ni yagira inyota, umuhe ic’ anywa: kuko ni wagira urtyo, uzoba umurunzekw amakara yaka ku mutwe.


Akiza abafise imitima imenetse, Apfuka inguma zabo.


Mwirinde, ntihagire umuntu yīhōra uwundi ikibi yamugiriye, ariko mwame mukurikira iciza mu vyo mugiriranira no mu vyo mugirira abandi bose.


Avyara umuhungu w’uburiza, amuzingirakw impuzu y’uruyoya, amuryamika mu bgato bg’inka, kuko bāri babuze umwanya mu ndāro.


Akoze ukw ashoboye, ansutse amavuta ku mubiri kuwutegurira guhambga bitaraba.


Maze Mose akiri mu rugendo, ari ku ndaro, Uhoraho amusangaho, ashaka kumwica.


Maz’ aho barāye, umwe muri bo ahamburuye igunira ryiwe ngw agaburire indogoba yiwe, abona ya mahera yiwe, ari mu munwa w’igunira.


Maz’ Umusamariya yari mu nzira ashika kuri we, amubonye amutera akagongwe:


Bukeye agoborora idenariyo zibiri, aziha nyen’ indāro, at’ Umurwaze, kand’ ivy’ uzotanga vyose birenze ivyo ni nagaruka nzobikwishura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite