26 Na we aramubaza, ati Vyanditswe bite mu vyagezwe, kand’ usoma iki?
26 Yesu aramwishura ati: “Ivyagezwe vya Mose bivuga iki? Ubitahura gute?”
Ariko turazi yukw ivy’ ivyagezwe bivuga vyose bibibgira abaganzwa na vyo, kugira ngw akanwa kose kazibge, kand’ abari mw isi bose babe abo gutsindwa n’urubanza imbere y’Imana:
Mose yanditse, at’ Ūshishikara ukugororoka kuva ku vyagezwe ni kwo kuzomubeshaho.
Dusubire ku vyagezwe no kuri vya Bishinga intahe! Ni batāvuga ibihwanye na vyo bazoba mu bgirantibuce.
Maz’ umwe mu bigisha ivyagezwe ava hasi, aramugeza, ati Mwigisha, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?
Aramwishura, ati Ngo Mukundishe Uhoraho, Imana yanyu, imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose, n’ubgenge bganyu bgose; kandi mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.