Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 10:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Maz’ umwe mu bigisha ivyagezwe ava hasi, aramugeza, ati Mwigisha, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Umusi umwe, umwigisha w’ivyagezwe yavuye hasi kugira ngo atege Yesu umutego, aramubaza ati: “Mwigisha, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?”

Gade chapit la Kopi




Luka 10:25
13 Referans Kwoze  

Umukuru w’isinagogi aramubaza, ati Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?


Kukw iy’ umwandu uzanwa n’ivyagezwe, woba utazanywe n’isezerano: arikw Imana yawuhaye Aburahamu, iwumusezeraniye.


arikw Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bībujije inama z’Imana, kuko batābatijwe na we.


Agisohoka ngw akomeze urugendo, haza umuntu kuri we yirukanga, aramupfukamira, aramubaza, ati Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?


Haza umwe mu banyabgenge b’ivyanditswe yumva babazanya, amenye kw abishuye neza, aramubaza, at’ Ibgirizwa ry’imbere muri yose n’irihe?


Ndababgira yukw abāvugishwa n’Imana benshi n’abami benshi bāgomvye kubona ivyo mubona ntibābibona, no kwumva ivyo mwumva, ntibāvyumva.


Na we aramubaza, ati Vyanditswe bite mu vyagezwe, kand’ usoma iki?


Arikw ivyo bābivuga ar’ ukumugeza, ngo bamukūrek’ urwitwazo rwo kumurega. Ariko Yesu arunama, yandikisha urutoke hasi.


Na we arababaza, ati Mose yabagereye iki?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite