Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 10:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Ehe mbahaye ububasha bgo gukandagira inzoka na sikorupiyo, n’ubgo kunesha ubushobozi bga wa Mwansi bgose, kandi nta kintu kizogira ico kibagira na gatoya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Ehe ndabahaye ububasha bwose bwo kunesha umwansi: muzohonyora inzoka na sikoropiyo muzimene imitwe, kandi nta na kimwe kizogira ico kibagira.

Gade chapit la Kopi




Luka 10:19
12 Referans Kwoze  

Uzokandagira intambge n’ imamba, Uzosiribanga umugunza w’ intambge n’ikiyoka.


bazofata inzoka; ni banywa ikintu cica, nta co kizobagira na gatoya; bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire.


Imana Nyen’ amahoro izofyonyorera Satani vuba musi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.


Arikw akunkumurira ico gikōko mu muriro, ntiyagira ic’ aba.


Kand’ iy’ umuntu agomvye kubagirira nabi umuriro ubava mu kanwa, ugaturira abansi babo: kand’ umuntu ni yagomba kubagirira nabi uko ni kw akwiye kwicwa.


Kandi nawe, mwana w’umuntu, ntuz’ ubatinye, ntuz’ utinye n’amagambo yabo, n’iyo woba mu mikere no mu mahwa, ukabana na za sikorupiyo: ntuz’ utinye amagambo yabo, canke ng’urandurwe umutima n’igitsure cabo, nah’ ar’ inzu y’abagarariji.


Umwana yonka azokinira ku mwobo w’imamba, n’umwana acutse azoshira ukuboko ku mwimba w’imvuvyi.


Ut’ Ariko naho data yabatwaje igitugu, uti Jeho nzorushiriza; uti Data yabakubitisha ibimōko, ut’ Ariko jeho nzobakubitisha sikorupiyo.


canke yomusaba irigi, akamuha sikorupiyo?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite