Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 10:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Arikw igisagara cose mujamwo ntibabākīre, muze musohoke muje mu nzira zaco,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Ariko nimwinjira mu gisagara ntibabakire, muzoje mu mayira yaho, muvuge muti:

Gade chapit la Kopi




Luka 10:10
7 Referans Kwoze  

Na bo babihāririje barogose, akunkumura impuzu ziwe, arababarira, at’ Amaraso yanyu araba ari mwebge akora! Jeho ndacuna; guhēra ubu ndaja ku banyamahanga.


Na bo babakunkumurira umukungugu wo mu birenge vyabo, baja muri Ikoniyo.


Kand’ umuntu n’atabākīra, canke ngo yumve amajambo yanyu, mukiva mur’ ino nzu canke muri nya gisagara, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu.


Abazokwanka bose kubākīra, mukiva mur’ ico gisagara, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kibe ikimenyetso kibabere icabona.


Na bo bazokwumva canke batazokwumva, (kukw ar’ inzu y’ abagarariji), ariko rero bazomenya yuk’ ūvugishwa n’Imana yabaye muri bo.


mukize abarwaye baho, mubabgire mut’ Ubgami bg’Imana burabēgereye.


muti N’umukungugu wo mu gisagara canyu, ufashe mu birenge vyacu, turawubakunkumuriye: ariko mumenye iki, yuk’ ubgami bg’Imana buri hafi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite