Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:80 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

80 Nya mwana arakura, agwiza inkomezi z’umutima, aba mu bugaragwa kugeza umusi yerekewekw Abisirayeli.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

80 Uwo mwana arakura, arakomera mu mpwemu, aba mu bugaragwa gushika igihe yiyerekeye Abisirayeli.

Gade chapit la Kopi




Luka 1:80
11 Referans Kwoze  

Kand’ uno mwana arakura, agwiza inkomezi, yuzuzwa ubgenge, ubuntu bg’Imana bgari kuri we.


Kandi Yesu agwiza ubgenge no gukura no gushimwa n’Imana n’abantu.


Mur’ iyo misi haza Yohana Umubatizi, yigishiriza mu bugaragwa bg’i Yudaya,


Nanje sinaribgamumenye, ariko kugira ngo yerekwe Abisirayeli, ni co catumye nanje nza mbatiza mu mazi.


kukw azoba mukuru mu nyonga z’Umwami Imana; ntazonywa vino cank’ ikiboreza na kimwe; azokwuzuzwa Mpwemu Yera, ahereye ku kuva mu nda ya nyina,


Abo bagiye, Yesu atangura kubgira ishengero ivya Yohana, ati Mwagiye mu bugaragwa kurāba iki? Mbega n’irenga rihungabanywa n’umuyaga?


Maz’ Uhoraho agendera Hana, asama inda, aja imbere avyara abana b’abahungu batatu n’abakobga babiri. Arik’ uwo mwana Samweli akurira imbere y’Uhoraho.


kuko yatururuza Abayuda abatsindira imbere y’abantu, yerekana mu vyanditswe yuko Yesu ari we Kristo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite