Atunganya imbu z’abaherezi uko zākurikirana zo gukora, nk’uko se Dawidi yasize ashinze, n’ivy’ ibikorwa vy’ Abalewi vyo guhimbaza no gufasha abaherezi, nk’ukw ibikorwa vyabo vy’imisi yose vyari biri, n’ ivy’ abashibamyi na bo, nk’ukw imbu zabo zakurikirana ku birimba vyose; kukw ari ko Dawidi, wa muntu w’Imana, yari yasize abishinze.