Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:79 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

79 Ng’utambikire abicaye mu mwiza no mu gitūtu c’urupfu, Urōngōrere ibirenge vyacu mu nzira y’amahoro.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

79 kugira ngo uboneshereze abari mu mwijima n’abari mu gitutu c’urupfu, wongere urongorere intambuko zacu mu nzira y’amahoro.”

Gade chapit la Kopi




Luka 1:79
36 Referans Kwoze  

Abantu bāgendera mu mwiza babonye umuco mwinshi, abāba mu gihugu c’igitūtu c’urupfu ni bo bākiwe n’umuco.


Abantu bāri bicaye mu mwiza, Babonye umuco mwinshi, Kand’ abāri bicaye mu gihugu c’urupfu no mu gitutu carwo, Umuco urasiye kuri bo.


kubahumūra amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bga Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n’abejejwe n’ukunyizera.


kuko kera mwar’ umwiza, none mukaba mur’ umuco mu Mwami wacu: mugende nk’abana b’umuco,


ng’ uhumūre impumyi, ng’ usohore imbohe mw ibohero, n’abicaye mu mwiza ngo bave mu nzu y’imbohe.


Naje mw isi nd’ umuco, kugira ng’ ūnyizera wese ntaz’ agume mu mwiza.


Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.


Nkiri mw isi, nd’ umuco w’isi.


Abakūra mu mwiza no mu gitūtu c’urupfu, Aca iminyororo yabo.


Abandi bicara mu mwiza no mu gitūtu c’urupfu, Baboheshejwe umubabaro n’ ivyuma;


Kand’ ubgire imbohe, uti Ni musohoke; n’ abari mu mwiza, uti Ni museruke ahabona. Bazogenda barisha umwagambo ku mayira, kand’ ahār’ uruharabuga hejuru ku misozi hazobabera ivyanya.


Umuco w’ukuri, wākira umuntu wese, warik’ uraza mur’ iyi si.


Mbere naho noca mu mwonga w’igitūtu c’urupfu Sinzogira ikibi ntinya; kuk’ uri kumwe nanje: Inyobozo yawe n’ubuhiri bgawe ni vyo bimpumuriza.


Kuba umuco wākira amahanga, No kuba ubgiza bg’abantu bawe b’Abisirayeli.


Ko batārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe, yadukūye mu gihugu ca Egiputa, akaturōngōra mu bugaragwa, no mu gihugu c’ubgeranyange kirimw’ ivyobo, mu gihugu kigadutse c’igitūtu c’urupfu, mu gihugu kidacamw’ abantu, ata muntu n’umwe ahaba?


aravuga, ati Kuba umushumba wanje, ugashira hejuru imiryango ya Yakobo, ukagarukana abarokotse b’Abisirayeli, ivyo ntibihāgije: ariko kandi ndagushizeho ng’ ube umuco wākira amahanga, kugira ngo n’ abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza kanje.


Nzozana impumyi mu nzira zitazi, ndazirōngōre mu ndari zitari zizi, nzohindura umwiza ube umuco imbere yazo, n’ahagoramye nzohagorora. Ivyo nzobishitsa, sinzobaheba.


Inzira y’amahoro ntibāyimenye;


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Muhagarare mu mayira, mwitegereze, mubaze inzira za kera, inzira nziza iy’ ari yo, abe ari yo mujana, maze muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu: ariko bo baravuga, bat’ Eka ntituyijana.


Inzira y’amahoro ntibayizi; mu ngendo zabo ntihabamw’ ibiroranye: bītoboreye inzira z’ibigoramange; ūzicamwo wese ntamenya amahoro.


Nta mahoro y’abanyavyaha, ni k’Uhoraho agize.


Nawe ng’utuvunagurire ahantu h’imbgebge, Ukadutwikiriza igitūtu c’urupfu.


Umuntu yubaha Uhoraho ni nde? Azomurangira inzira akwiye guhitamwo.


Amayira yabgo n’amayira y’ igikundiro, Kand’ inzira zabgo zose n’iz’ amahoro.


Igihugu c’umwiza w’umuzitanya, nk’uk’ umuzimagiza nyene umeze, Ic’ igitūtu c’urupfu, ahatagira umutekano, Ah’ umuco umeze nk’umwiza.


Uku ni k’Uhoraho Umucunguzi wawe, Uwera w’ Abisirayeli agize, ati Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo.


Ngendera mu mayira y’ubugororotsi, No hagati mu nzira z’imanza ziroranye:


Umwiza n’igitūtu c’urupfu biwugire uwavyo, Igicu kiwubarareko: Ivyīrīsha ubgīrakabiri vyose biwutere ubgoba.


Ijambo Imana yatumye ku Bisirayeli, ivugisha Yesu Kristo ubutumwa bgiza bg’amahoro, ni we Mwami wa bose;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite