Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:72 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

72 Kand’ igirire ba sogokuruza imbabazi, Yibuke isezerano ryayo ryera,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

72 Yagiriye imbabazi ba sogokuruza, yibuka isezerano ryiwe ryera,

Gade chapit la Kopi




Luka 1:72
21 Referans Kwoze  

Akabibukira isezerano yabasezeraniye, Akagarukana umutima, nk’ ukw isinzi ry’imbabazi ziwe riri.


Ukuri kwawe uzogushitsa kuri Yakobo, n’ikigongwe kuri Aburahamu, ari vyo nyene warahiye ba sogokuruza uhereye mu bihe vya kera.


ni ho nanje nzokwibuka isezerano ryanje nasezeraniye Yakobo, n’ iryo nasezeraniye Isaka, n’iryo nasezeraniye Aburahamu na ryo nzoryibuka; kandi n’igihugu na co nzocibuka.


Ku vy’ubutumwa bgiza, n’abansi kubganyu: ariko ku vy’ugutoranya kw’Imana, n’abakundwa kubga ba sekuruza.


Yamara nzokwibuka isezerano nasezeranye nawe mu gihe c’ubuto bgawe, kandi nzogushirirah’ isezerano ry’ibihe bidashira.


kand’ uruvyaro rwawe ruzongana n’umukungugu wo hasi, ruzogasāra i burengerazuba n’i burasirazuba n’i burārūko n’i bumanuko: kandi muri wewe no mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha.


nzogwiza uruvyaro rwawe, rungane n’inyenyeri zo kw ijuru, kand’ uruvyaro rwawe nzoruha ibi bihugu vyose; kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha;


Maze ndaguserukako, ndakwitegereza, mbona yuk’ ushitse mu gihe uteye igomwe; maze ngutērerak’ umwambaro wanje, nambika ubgambure bgawe; mbere narakurahiye, nsezerana nawe isezerano, ucika uwanje, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


Yagaburiye abamwubaha: Azokwama yibuka isezerano ryiwe.


Yibutse imbabazi ziwe n’ukugororoka kwiwe, ngw abigirire inzu ya Isirayeli: Abo ku mpera z’isi zose babonye agakiza k’Imana yacu.


kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha, kuko wanyumviye.


Abazoguhezagira nzobahezagira, kand’ ūzokuvuma nzomuvuma: kandi muri wewe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha.


Kuko yibutse ijambo ryiwe ryera, Na Aburahamu umusavyi wiwe.


ni bo Bisirayeli, ivyabo n’ugucika abana b’Imana, n’ubgiza, n’amasezerano, no guhabga ivyagezwe, no gusenga Imana, n’ivyasezeranywe:


Ni ryo sezerano yasezeranye na Aburahamu, Indahiro yarahiye Isaka,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite