Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ariko ntibagira umwana, kuko Elisabeti yar’ ingumba, kandi bompi bāri bageze mu zabukuru.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ariko nta mwana bari bafise, kuko Elizabeti atavyara, kandi bompi bari bashaje cane.

Gade chapit la Kopi




Luka 1:7
16 Referans Kwoze  

Ukwizera ni kwo kwatumye na Sara ashobozwa gusama inda, naho yari yaraciye, kuko yiyumviriye yukw iyasezeranye ar’ iyo kwizerwa.


Yar’ afise abagore babiri, umwe yitwa Hana, uwundi Penina; Penina ni we yavyara, ariko Hana yar’ ingumba.


Kandi Aburahamu na Sara bari bashaje, bageze mu zabukuru: kandi Sara yari yaraciye.


Isaka atakambira Uhoraho kubg’ umugore wiwe, kukw atāvyara: Uhoraho yumva gutakamba kwiwe, Rebeka umugore wiwe asama inda.


Maze Elisa arabaza, ati None twomukorera iki? Gehazi aramwishura, at’ Erega nta mwana agira, kand’ umugabo wiwe arashāje.


Maze Aburahamu arapfukama, arūnama aratwenga, yivuganiriza mu mutima, ati Mbeg’ umwana yovyarwa n’ūmaze imyaka ijana? Na Sara amaze imyaka mirongwicenda yoba akivyara?


Kandi ntiyagabanukak’ ukwizera, yitegereje umubiri wiwe umaze kuba akāheze, kuko yar’ amaze imyaka nk’ijana y’amavuka yiwe, na Sara yari yaraciye.


Umwami Dawidi yar’ ashaje, ageze mu zabukuru; bāri basigaye bamupfuka impuzu ntabe agisusurukirwa.


Rakeli abonye atavyaranye na Yakobo akana, agirira ishari mukuru we; abarira Yakobo, ati Mpa abana; utabampaye, mpfuma mpfa.


Ku ngoma ya Herode, umwami w’i Yudaya, hārih’ umuherezi yitwa Zakariya, wo mu mutigiri wa Abiya, kandi yar’ afise umugore wo mu nzu ya Aroni, yitwa Elisabeti.


Bompi bāgororoka imbere y’Imana, bāgendera mu vyagezwe n’amabgirizwa vy’Umwami Imana vyose, batagawa.


Maze yarikw arakora igikorwa c’ubuherezi imbere y’Imana, ukw imbu zabo zikurikirana;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite