Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:68 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

68 at’ Umwami ashimwe, Imana y’Abisirayeli, Kukw igendeye abantu bayo, ikabacungura;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

68 “Amashimwe ni ay’Umwami, Imana ya Isirayeli, kuko yaje gutabara no gucungura abantu bayo.

Gade chapit la Kopi




Luka 1:68
24 Referans Kwoze  

Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, n’ashemagizwe Nk’uko vyamye uhereye kera hose, ugashitsa ibihe bidashira. Kand’ abantu bose ni bavuge, bati Amen. Haleluya!


Bose baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana, bat’ Ūvugishwa n’Imana ahambaye aserutse muri twebge; kandi bat’ Imana igendeye abantu bayo.


Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ahimbazwe, Uhereye kera hose, ukageza ibihe vyose, Amen, kandi Amen.


Yarungikiye abantu biwe ugucungurwa, Yageze isezerano ryiwe kuba iry’ ibihe bidashira; Izina ryiwe n’iryera kandi n’iry’ igitinyiro.


Abantu baca baremera: maze bumvise yuk’ Uhoraho yagendeye Abisirayeli, akabona amarushwa barimwo, bunamika amaso, barasenga.


mbere yavuze, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, ampaye uwo kuvyagira ku ntebe yanje nkibona.


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y’impwemu ahantu ho mw ijuru muri Kristo:


Ako kanya aca araza, ashima Imana, avuga ivya Yesu, abibgira abāri barorereye ugucungurwa kw’i Yerusalemu bose.


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo,


Muri we ni ho duhērwa gucungurwa n’amaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu, nk’ukw itunga ry’ubuntu bgayo riri,


Dawidi araheza abarira iryo koraniro ryose, at’ Enda ni muhimbaze Uhoraho Imana yanyu. Nukw ikoraniro ryose bahimbaza Uhoraho Imana ya ba sekuruza, bunamika amaso, bakubita inkoro hasi imbere y’Uhoraho n’imbere y’umwami.


Ni co catumye Dawidi ashimira Uhoraho imbere y’ikoraniro ryose, akavuga, at’ Ewe Uhoraho, Mana ya sogokuruza wacu Isirayeli, ur’ uwo guhimbazwa ibihe bitazoshira.


kand’ Imana Isumba vyose iragahezagirwa, yagushize abansi mu maboko! Nuko Aburamu amuha ikigiracumi muri vyose.


Kand’ at’ Uhoraho aragahezagirwa, ni yo Mana ya Shemu; Kanani we n’abe umuja wiwe.


bakagukekana n’abana bawe bo muri wewe; kandi ntibazogusigariza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuk’ utāmenye igihe wagendewemwo.


aravuga, at’ Uhoraho ashemagizwe, Imana ya databuja Aburahamu, itāretse kugirira imbabazi databuja, no kumubera umwizigirwa! nanje nyene, Uhoraho yandōngōye inzira ija kwa bene wabo wa databuja.


Maze Dawidi yishura Abigayili, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ashemagizwe, yakurungitse uyu musi kunsanganira;


Maz’ aravuga, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, yashikije n’ukuboko kwiwe ivyo yavuze n’akanwa kiwe, abarira data Dawidi,


Kandi ni we azocungura Abisirayeli, Abakūrekw ivyo bagabitanije vyose.


Ngw idukize abansi bacu n’amaboko y’abatwanka bose:


Kandi twari twishimiye yukw ari we azocungura Abisirayeli. Kand’ ikigeretseko, uyu n’umusi ugira gatatu uhereye ah’ ivyo vyabereye.


Kand’ amaraso y’impene cank’ ay’ amashūri, si yo yamushikanye ahēra cane, ariko yahashikanywe n’ayiwe maraso rimwe gusa, yironkeye ugucungura kw’ibihe bidashira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite