Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:66 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

66 Abavyumvise bose babishira mu mitima yabo, bati Mbe non’ uyo mwana azoba umuntu ki? Kuk’ ukuboko kw’Umwami Imana kwari kumwe na we.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

66 Abavyumva bose vyabatera kwibaza mu mitima bati: “None uwo mwana azoba umuntu ki?” Kuko ubushobozi bw’Umwami Imana bwari kuri we.

Gade chapit la Kopi




Luka 1:66
16 Referans Kwoze  

Ukuboko kw’Umwami kwari kumwe na bo, abantu benshi barizera, bahindukirira Umwami.


Amanukana na bo, aja i Nazareti, yama abumvira. Nyina abīka ayo majambo yose mu mutima wiwe.


Ariko Mariya abīka ayo majambo yose, ayiyumvira mu mutima wiwe.


Uhoraho abana na Yosefu, bituma aroranirwa; aba mu rugo rwa shebuja Umunyegiputa.


ati Mushire aya majambo mu matwi yanyu: Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu.


Kand’ uno mwana arakura, agwiza inkomezi, yuzuzwa ubgenge, ubuntu bg’Imana bgari kuri we.


Nya mwana arakura, agwiza inkomezi z’umutima, aba mu bugaragwa kugeza umusi yerekewekw Abisirayeli.


Nabītse ijambo ryawe mu mutima wanje Ngo noye kugucumurako.


Ikiganza canje kizokwama kibana na we, Ukuboko kwanje kuzomuha inkomezi.


Ukuboko kw’Uhoraho kuja kuri Eliya; arakenyera, yiruka imbere ya Ahabu barinda bashika kw irembo ry’i Yezireli nyene.


Umuhungu umwe w’umusore aramwishura, ati Nabonye umuhungu wa Isayi w’i Betelehemu, n’umucuraranzi w’umuhinga, n’ umuhizi w’inkomezi kand’ arazi kurwana, aritonda mu vyo avuga, n’umuntu w’igikundiro, kand’ Uhoraho ari kumwe na we.


Ariko Samweli akorera Uhoraho, kandi yar’ akir’ umwana, yari yambaye efodi yera derere.


Bene se bamugirira ishari, ariko se azigama ayo majambo mu mutima wiwe.


Ukuboko kwawe kube ku muntu agushiriye mu buryo, Ku mwana w’umuntu wirereye.


kubg’ ivyizigirwa mwabīkiwe mw ijuru, ivyo mwumvise kera, mw ijambo ry’ukuri kw’ ubutumwa bgiza,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite