Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:64 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

64 Bose baratangara. Uwo mwanya akanwa kiwe karazibūka, n’ururimi rwiwe ruragobodoka, aravuga, ashima Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

64 Ubwo nyene akanwa kiwe gaca karuguruka, ururimi ruragoboroka, aca atangura kuvuga ahimbaza Imana.

Gade chapit la Kopi




Luka 1:64
14 Referans Kwoze  

Umve, uragobga ururimi, kandi ntuzoshobora kuvuga, kugeza ku musi ivyo bizoberako, kuk’ utemeye ijambo ryanje, rizoshika mu gihe caryo.


Maz’ Uhoraho arāmvura ukuboko ankora ku munwa; Uhoraho arambarira, at’ Ehe nshize amajambo yanje mu kanwa kawe.


Ukuboko kw’Uhoraho kwari kwarāye kunjeko ku mugoroba, iyo mpunzi itaraza; kandi yar’ agobotoye akanwa kanje uyo atarashika aho ndi bukeye mu gitondo; nukw akanwa kanje karagobodoka, ururimi ntirwari rukigobge.


Mwami, teranura iminwa yanje, Ni ho akanwa kanje kazokwamamaza ishimwe ryawe.


Dayimoni amaze gusendwa ico kiragi kiravuga. Kand’ ishengero riratangara, riti Mu Bisirayeli ntiharibgaboneke ibimeze birtyo.


Arikw igihe nzovugana nawe, nzogobotora akanwa kawe, nawe uz’ uheze ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ng’ Ūgomba kwumva ni yumve, ūtabigomba n’areke: kukw ar’ inzu y’abagarariji.


Kur’ uwo musi uzovuga, ut’ Uhoraho, ndagukengurukiye, kuko naho wandakiye, uburake bgawe burahwamye, nawe uramporahoje.


Kur’ uwo musi nzomereza ab’ inzu ya Isirayeli ihembe; nawe nzoguha guteranurira akanwa hagati muri bo; maze bazomenya yuko nd’ Uhoraho.


Uhoraho aramwishura, ati Ni nde yaremye akanwa k’umuntu? canke ni nde atera uburagi, cank’ ubupfamatwi, cank’ aha umuntu kubona, cank’ amuhumisha? Si jewe, Uhoraho?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite