Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Bompi bāgororoka imbere y’Imana, bāgendera mu vyagezwe n’amabgirizwa vy’Umwami Imana vyose, batagawa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Zakariya na Elizabeti bari abagororotsi imbere y’Imana, kandi bakurikiza ivyagezwe n’amabwirizwa vy’Umwami Imana ata co bahajije.

Gade chapit la Kopi




Luka 1:6
33 Referans Kwoze  

Maz’ Uhoraho abgira Nowa, ati Ni mwinjire mu bgato, mwe n’abo mu nzu yawe bose; kuko mu runganwe rw’ubu ari wewe wenyene nabonye ugororotse imbere yanje.


Aburamu amaze imyaka mirongwicenda n’icenda, Uhoraho aramubonekera, aramubarira, ati Ni jewe Mana Ishobora vyose; uhore ugendera imbere yanje, kand’ utungane rwose.


kugira ngo ntimugire umugayo cank’ akarohe, mube abana b’Imana batagira agasembga, hagati y’ab’ iki gihe bagoramye b’ibidambidambi, abo mubonekeramwo nk’amatara mw isi,


Ni co gituma na ntaryo nkobereza kugira umutima utanyagiriza ikibi ku Mana canke ku bantu.


Nuko nawe ni wagendera imbere yanje nk’uko so Dawidi yagenda, ufise umutima w’ukuri kand’ utunganye, ugakora ivyo nakugeze vyose, ukitondera amabgirizwa yanje n’amateka nashinze;


kugira ngw aremeshe imitima yanyu, ntigire umugayo, ibe iyera imbere y’Imana yacu ni yo Data wa twese, iz’ isangwe irtyo ah’ Umwami wacu Yesu azozananira n’abera biwe bose.


Mu gihugu c’i Uzi hār’ umuntu yitwa Yobu; kand’ uwo muntu yar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, yubaha Imana, akitandukanya n’ikibi.


Iki ni co kitumenyesha ko tumuzi, ni twitondera ivyagezwe na we.


Ni co gituma, abo nkunda, kuko mureretse ivyo, mukwiye kugira umwete wo kuzosangwa mu mahoro, mutagira ikirabagu, mutarik’ umugayo imbere yiwe.


Uhoraho abaza Satani, ati Mbega witegereje umusavyi wanje Yobu, yukw ata wuhwanye na we mw isi, ar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, anyubaha, akitandukanya n’ikibi?


Bana bato, ntihakagire ūbazimiza: ūkora ibigororotse ni we agororoka, nk’uk’ uwo agororoka.


Ko muzi yuk’ uwo ar’ umugororotsi, murazi yuk’ ūkora ivy’ ukugororoka wese yavyawe na we.


none yabuzurije na yo mu mubiri wiwe w’umuntu kubg’ urupfu yapfuye, ngw abashikane imbere yayo mur’ abera, mudafise agasembga, mutagira ico mwogawa;


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Ndabashima, kuko munyibuka muri vyose, mukagumya ivyo nabashikirije, nk’uko nabibahaye.


Paulo ahanga amaso abanyekombe, arababgira, ati Bagabo bene Data, nāmanye umutima utarimw’ ijwi rinyagiriza ikibi na kimwe imbere y’Imana gushitsa kur’ uyu musi.


Aho nzoshirira umutima ku mabgirizwa yawe yose Ni ho ntazomāramāra.


ati N’ivy’ ukuri nzi kw ari ko biri: Arik’ umuntu yoshobora ate kuba umugororotsi imbere y’Imana?


ati Tegēra, Uhoraho we, ni wibuke ingene nagendera mu vy’ukuri imbere yawe n’umutima utunganye, ngakora ivyo ubona kw ari vyiza. Hezekiya ararira cane.


Uru ni rwo ruvyaro rwa Nowa. Nowa yar’ umugororotsi, ntiyagira agasembga mu gihe c’urunganwe rwiwe: kandi Nowa yagendana n’ Imana.


Arababgira, ati Mwebge mugomba kwiyerekana nk’abagororotse mu maso y’abantu, arikw Imana irazi imitima yanyu: kukw igishizwe hejuru mu bantu ar’ igisesema mu nyonga z’Imana.


Muze mujane inzira yose Uhoraho Imana yanyu yabarangiye, kugira ngo mubone kubaho, mumererwe neza, muze muhore muba mur’ ico gihugu mugiye kwegukira.


kuko Dawidi yakora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, ntakikame ngw ace mu kintu na kimwe yamugeze igihe cose yamaze akiriho, ukūye ivyo yakoze ku vya Uriya Umuheti.


Ariko ntibagira umwana, kuko Elisabeti yar’ ingumba, kandi bompi bāri bageze mu zabukuru.


Kandi muri Yerusalemu hār’ umuntu yitwa Simeyoni; uyo yar’ umuntu agororotse kandi yubaha Imana, yar’ arorereye uguhumurizwa kw’Abisirayeli, Mpwemu Yera yari kuri we.


Kuko Dawidi yavuze ivy’ uwo, ati Nabonye Uhoraho imbere yanje imisi yose, Kukw ar’ i buryo bganje, ngo sinnyiganyige.


Nta n’agahimba ufise, nta n’akagabane kavyo, kuk’ umutima wawe udatunganye imbere y’Imana.


kugira ngw ivy’ ivyagezwe bibgiriza bishikanwe muri twebge, tutagenda mu buryo bg’akameremere kacu, ariko tugenda mu bg’ impwemu.


arikw agasiguza Imana ya sekuruza, akagendera mu vyagezwe vyayo, ntāgendere mu ngeso z’ Abisirayeli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite