Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:53 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

53 Abashonje yabahāgije ivyiza, Yirukanye abatunzi bagenda imvumure.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

53 Yahagije ivyiza abashonje, yirukana abatunzi bagenda imbokoboko.

Gade chapit la Kopi




Luka 1:53
21 Referans Kwoze  

Hahirwa mwebge mushonje none, kuko muzohāzwa. Hahirwa mwebge murira none, kuko muzotwenga.


Imigunza y’intambge ishobora kuburanirwa no gusonza, Arikw abarondera Uhoraho ntibazogira iciza bakena.


Ariko muzobona ibara, mwebge abatunzi; kuko muhejeje gutunganirwa.


Hahirwa abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, kukw ari bo bazohāzwa.


Muzirikane ihamagarwa ryanyu, bene Data, yukw ab’ ubgenge bg’abantu bāhamagawe atari benshi, abakomeye bāhamagawe atari benshi, abapfasoni bāhamagawe atari benshi.


Yesu arababgira, ati Ni jewe mutsima w’ubugingo: ūza kuri jewe ntazosonza na mba, kand’ ūnyizera nta ho azogira inyota na mba.


Abāhoran’ agahimbo basigaye baca ingero, Arikw abāhora bashonje ntibagicumukura. Mber’ uwahora ar’ ingumba avyaye indwi, Uwavyaye benshi arahondobereye.


Mumaze guhāga; mumaze gutunga; mwimye nk’abami, tutarimwo: ereg’ icompa mukaba mwārīmye, kugira ngo natwe twimane namwe.


Nzozimereza umuyigwe w’agahagarika, kandi ntizizosubira kumarwa n’inzara mu gihugu, canke gutēterezwa n’abanyamahanga ukundi.


Acira imanza impahazwa; Agaburira abashonje ivyo kurya. Uhoraho ni we abohora imbohe;


Yatabaye Isirayeli umusavyi wayo, Maze ngw imbabazi zayo izibuke,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite