Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:51 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

51 Yerekanishije ubushobozi ukuboko kwayo, Yasābagije abībona mu vyo biyumvira mu mitima yabo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

51 Ukuboko kwayo kwakoze ivy’inkomezi; yashwiragije abishira hejuru mu mitima yabo.

Gade chapit la Kopi




Luka 1:51
32 Referans Kwoze  

Ni muririmbire Uhoraho indirimbo nsha, Kuko yakoze ibitangaza: Ikiganza ciwe c’i buryo n’ ukuboko kwiwe kwera yabizanishije agakiza.


Uhoraho akumye impuzu ku kuboko kwiwe kwera mu maso y’amahanga yose, kand’ impera z’isi zose zizobona agakiza k’Imana yacu.


Ikangure, ikangure, wambare inkomezi, ewe wa kuboko kw’ Uhoraho; ikangure nko mu misi ya kera, nko ku runganwe rw’ibihe vyashize, uko rwagenda rukurikirana. Mbega si wewe wahimbaguye Rahabu, ugasogota ca gisato c’amahēro?


kuko bāmenye Imana ntibayubahe nk’Imana, ntibayishime; ariko bācitse abiyumvira ivy’ ubusa, imitima yabo y’imburabgenge icura umwiza.


Noneho jewe Nebukadineza nshima Umwami wo mw ijuru, ndamutazira, ndamwubaha; kukw ibikorwa vyiwe vyose ar’ ivy’ ukuri, kand’ inzira ziwe ar’ iziroranye; arikw abagendera mu bgibone ashobora kubacisha bugufi.


Ni nde yatumye ukuboko kwiwe kw’ icubahiro kugendera ku ruhande rw’i buryo bga Mose? Ni nde yatandukanije amazi imbere yabo, akīhesha izina ritazoshira?


Eh’ Uhoraho Imana azoza afise ubushobozi, kand’ ukuboko kwiwe kuzomutwarira: rāba, azoza azanye impēra, kand’ inyishu yiwe ir’ imbere yiwe.


Mu mahema y’abagororotsi har’ ijwi ry’impundu n’iry’ agakiza: Ukuboko kw’i buryo kw’ Uhoraho gukora ivy’ ubuhizi.


Ni wewe wamenaguye Rahabu, hakamera nk’uwishwe: Abansi bawe wabasābagirishije ukuboko kw’inkomezi zawe.


Nuk’ Uhoraho abona ibibi vy’abantu ingen’ ari vyinshi mw isi, kandi kw ivyiyumviro vy’imitima yabo vyamogoreye gukora ibibi gusa na ntaryo.


ni co gituma ivyago vyiwe vyose bizoza ku musi umwe, urupfu n’amaborogo n’amapfa, kand’ azotongozwa umuriro: kuk’ Umwami Imana amuciriyekw iteka ar’ uw’ ubushobozi.


Namwe bukungu, mugamburukire abashingantahe. Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.


dushingūra impāri n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana, dufata mpiri ivyiyumvirwa mu mitima vyose, ngo tubigomōrere Kristo.


Ufise ukuboko kw’inkomezi, Ukuboko kwawe kurakomeye, ukuboko kwawe kw’i buryo gushizwe hejuru.


Umutima wanje uzohāzwa nk’ūriye umusokōro n’ibinure: Akanwa kanje kazogushimisha iminwa inezerewe,


Nzogushima ibihe vyose, kukw ari wewe wabikoze: Nzokwitega izina ryawe imbere y’abakunzi bawe, kukw ari ryiza.


Uhoraho ahindura ubusa imigabo y’amahanga, Atuma ivyiyumviro vy’amoko bipfa ubusa.


Canke hīgeze kuba imana yagerageje gushingūra ihanga, ikarikūra hagati mu rindi, irikūjeyo kurekura ibigerageza, n’ibimenyetso n’ibitangaza, n’intambara, irikūjeyo n’ ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye, n’ibiteye ubgoba bihambaye, nk’ivyo Uhoraho Imana yanyu yabakoreye muri Egiputa muvyibonera?


Noneho mmenye yuk’ Uhoraho aruta izindi mana zose, ko yatsinze Abanyegiputa bāhora babihayagizako.


Uhoraho amoterwa n’umubabge mwiza wavyo, maz’ Uhoraho yiyumvira mu mutima wiwe, ati Sinzokwongera kuvuma isi ukundi kubg’ abantu, kukw imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo: kandi sinzokwongera kwica ukundi ibifise ubugingo vyose, nk’uko nakoze.


Nuk’ Uhoraho abasābagiriza mw isi yose: baca baheba kwubaka ca gisagara.


Kuko rāba, nakugize ritoya ku yandi mahanga, n’inkēngērwa mu bantu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite