Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:48 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

48 Kuko yabonye ubufafara bg’umugurano wayo, Kand’ uhereye none, ab’ ibihe vyose bazonyita umuhirwa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

48 kuko yibutse umusavyikazi wayo muto. Uhereye ubu abantu bose bazonyita umuhirwe,

Gade chapit la Kopi




Luka 1:48
19 Referans Kwoze  

Kuko nah’ Uhoraho ahambaye, ashira umutima ku bafafara, Arikw abībone abamenyera kure.


Kand’ amahanga yose azobīta abanyehirwe: kuko muzoba igihugu c’igikundiro, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


asezerana isezerano, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, ni warāba umubabaro wanje incoreke yawe, ukanyibuka, ntunyibagire jewe incoreke yawe, ukantabaza umwana w’umuhungu, nanje nzomuguha, Uhoraho, abe uwawe kuzorinda apfa, kandi nta rupfuhe ruzomugera ku mutwe.


Akivuga ivyo, umugore wo mw ishengero ashira hejuru, aramubgira, ati Hahirwa inda yakuvyaye, n’amabere yakwonkeje.


Yaratwibutse aho twāri mu bufafara, Kukw imbabazi zayo zamah’ ibihe bidashira;


avuga n’ijwi rirenga, ati Mu bagore urahiriwe, n’imbuto yo mu nda yawe irahiriwe.


Yinjira ah’ ari, aramubgira, ati N’amahoro, ugiriwe ubuntu, Umwami Imana ari kumwe nawe.


Kukw ivyo vyose intoke zanje ari zo zabiremye, bikabaho vyose, ni k’ Uhoraho agize; arik’ umuntu w’impahazwa afise umutima umenetse, agahindishwa agashitsi n’ ijambo ryanje, uwo ni we nzohozakw ijisho.


Nuko rero, ukw abe ari k’ubarira umusavyi wanje Dawidi, ut’ Uhoraho Nyen’ ingabo, uku ni kw agize, uti Yagukūye mu bgungere, inyuma y’intama, ng’ ube segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli;


Ni we akūra umugorwa mu mukungugu, Agashira hejuru umukene, amukūye mu mwavu, Kugira ngw abicarikane n’ abahambaye, Baragwe intebe z’icubahiro: Kukw inkingi z’isi ar’ iz’ Uhoraho, Kandi ni zo yayiteretseko.


Leya aravuga, ati Ndahiriwe! Kukw abandi bagore bazonyita umuhirwa: amwita Asheri.


Ashize umutima ku gusenga kw’abatagira shinge na rugero, Ntiyakēngereye ugusenga kwabo.


Izina ryiwe rizohorah’ ibihe bidashira, Izina ryiwe rizogira uruvyaro, izuba rikiriho: Abantu bazokwisabira umugisha wo guhwana na we, Amahanga yose azomwita umuhirwe.


Kandi hahirwa wewe wizeye, kukw ivyo wabgiwe n’Umwami Imana bizoshika.


Kukw Iy’ ubushobozi inkoreye ibikomeye, Kand’ izina ryayo n’iryera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite