Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:46 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 Mariya aravuga, at’ Ubugingo bganje butazira Umwami Imana,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

46 Mariya aravuga ati: “Ubugingo bwanje burahimbaza Umwami Imana,

Gade chapit la Kopi




Luka 1:46
15 Referans Kwoze  

Ni ho umutima wanje uzovugiriza impundu Uhoraho, Unezererwe agakiza kiwe.


Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


kugira ngo bibe nk’uko handitswe, ng’ Uwirata, yirate Uhoraho.


Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe.


Kandi si vyo vyonyene, arikw ikindi, tunezererwa Imana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, yaduhesheje kwuzura na yo.


Uhoraho, muri we ni ho uruvyaro rwose rwa Isirayeli ruzotsindanishiririzwa, rukamwirata.


Uwo muramukunda naho mutigeze kumubona; kandi n’ubu, naho mutaramubona, muramwizera, bibatera kunezerwa akanyamuneza k’ubgiza katovugwa,


Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


Arikw Imana ishimwe, yama itujana nk’abafashwe mpiri muri Kristo, idutera kwerekana ubumote bgo kumumenyekanisha ahantu hose.


Kand’ Imana Nyen’ amahoro ibe ari yo ibeza rwose: kand’ impwemu yanyu n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo, ah’ Umwami wacu Yesu Kristo azozira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite