Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:43 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

43 Kand’ iki kimbereyekw iki, nyina w’Umwami wanje kuza aho ndi?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

43 Mbega nari iki kugira ngo nyina w’Umwami wanje angendere?

Gade chapit la Kopi




Luka 1:43
15 Referans Kwoze  

Toma aramwishura, ati Mwami wanje, kandi Mana yanje.


Ntimugire ico mukora kubgo gukēbana cank’ ukwifata uko mutari, ariko mwicishije bugufi, umuntu wese yiyumvire yuko mugenzi we amuruta,


Uyu musi Umukiza abavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo Umwami.


Uhoraho yabariye Umwami wanje, at’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava y’ibirenge vyawe.


Ava hasi arūnama, yicisha bugufi, aravuga, at’ Ehe nd’ incoreke yawe, umuja wo kwoza ibirenge vy’abantu ba databuja.


Eka mbere n’ibintu vyose ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe, kubg’ ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje. Kubg’ uwo nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira kw ar’ ishano, kugira ngo ndonke Kristo,


Munyita Mwigisha na Shobuja, kandi mubivuga ko, kukw ari ko ndi.


ni co catumye niyumvira ko bitambereye ko noza ah’ uri: ariko vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira.


Ariko Yohana agomba kumwankira, ati Kw ari jewe nkwiye kubatizwa nawe: non’ uje kuri jewe?


Yicisha bugufi, arūnama ashika hasi, aramubaza, ati N’iki gitumye ungirira ubuntu, ukambabara, kandi nd’ umunyamahanga?


Akivugana n’ishengero, nyina na bene nyina bāri bahagaze hanze, bagomba kubonana na we.


avuga n’ijwi rirenga, ati Mu bagore urahiriwe, n’imbuto yo mu nda yawe irahiriwe.


Kukw ijwi ry’indamukanyo yawe ryinjiye mu matwi yanje, inda igakinagizwa muri jewe n’umunezero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite