37 kukw ata jambo rivuye ku Mana ribura ububasha.
37 kuko ata jambo Imana ivuze ribura ububasha.”
Yesu arabītegereza, arababgira, ati Kubg’ abantu ico ntigishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka.
rit’ Ehe nd’ Uhoraho, Imana y’abariho bose: mbega har’ ikintu na kimwe kinnanira?
Yesu arabitegereza, arababgira, ati Kubg’ abantu ntigishoboka, ariko ku Mana s’uko, kuko vyose bishobokera Imana.
nt’ Ewe Mwami Uhoraho! Erega ni wewe waremye ijuru n’isi, ubiremesha ubushobozi bgawe buhambaye, n’ukuboko kwawe kurāmvuye: nta kintu na kimwe kikunanira.
Maz’ arababgira, at’ Ibidashobokera abantu bishobokera Imana.
Mbega har’ ikinanira Uhoraho? Igihe gishinzwe, umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, nzogaruka i wawe Sara yavyaye umuhungu.
Uhoraho yishura Mose, ati Mbeg’ ukuboko kwanje Uhoraho kwabaye kugufi? None hinge urābe yukw ijambo ryanje nkubgiye rishika canke ko ridashika.
azohindura imibiri y’ubufafara bgacu, ishushanywe n’umubiri w’ubgiza bgiwe, nk’ukw afise ubushobozi bumubashisha kwigandurira vyose.
Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Naho vyobera igikomeye amasigarira y’ubu bgoko azoba akiriho mur’ iyo misi, mbega nanje vyombera igikomeye? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza.
Ivyo muzi nanje ndabizi: Ntimundusha.
Kand’ ivyo s’ikigoye k’Uhoraho; mber’ azogabura n’Abanyamowabu mu maboko yanyu.
Kand’ umve, Elisabeti mwene wanyu na we atwaye inda y’umuhungu mu butāmakazi bgiwe, uwitwa ingumba uku n’ukwezi kwiwe kwa gatandatu:
Mariya aramubgira, at’ Ehe nd’ umugurano w’Umwami Imana, bimbere ukw ijambo ryawe rivuzwe. Maz’ umumarayika ava ah’ ari, aragenda.
Ako gaseke ntikāshiramw’ ifu, n’ako gakarabo ntikāshiramw’ amavuta, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze, iryo yavugiye muri Eliya.