Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 ahangame mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubgami bgiwe ntibuzogira iherezo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe bidashira; Ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.”

Gade chapit la Kopi




Luka 1:33
28 Referans Kwoze  

Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.


Ariko, ivy’ Umwana wayo yabivuze, it’ Ingoma yawe, Mana, ihangamye ibihe bidashira, Icumu ry’ubugabe bgawe n’icumu ry’ūganza atunganye.


Kand’ ubgami n’inganji n’ubukuru bg’ubgami bgose buri musi y’ijuru hose bizogabirwa ubgoko bg’abera b’ Īsumba vyose; ubgami bgayo n’ubgami buzokwamaho, kand’ abami bose bazoyikorera bayumvire.


Uti Kand’ inzu yawe n’ubgami bgawe bizohora bihamye imbere yiwe, uti N’ingoma yawe izokwama ihangamye na ntaryo.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


Yesu arabēgēra, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.


Ingoma yawe Mana, ihangamye ibihe bidashira, Icumu ry’ubugabe bgawe n’ icumu ry’ūganza atunganye.


kand’ abacumbagira nzobasigazaho babe amasigarira, n’abari baraciwe mbahindure ihanga rikomeye; maze jewe Uhoraho nzobaganza ndi ku murwa Siyoni, uhereye aho ugashitsa ibihe bidashira.


Arikw abera b’Īsumba vyose bazohabga ubgo bgami, kand’ ubgo bgami bazobgegukira buhore ar’ ubgabo gushitsa ibihe bitazoshira.


Ko mur’ aba Kristo, mur’ uruvyaro rwa Aburahamu, mur’ abaragwa nk’uko vyasezeranywe.


Ariko s’ukugira ngw ijambo ry’Imana ntiryashitse: kukw abamutse kuri Isirayeli atari bo Bisirayeli bose.


Abazogendera kur’ urwo rugezo, amahoro abe muri bo n’ikigongwe, no mu Bisirayeli b’Imana.


Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


Igitabo kidondora ukuvuka kwa Yesu Kristo, umwana wa Dawidi, Dawidi wa Aburahamu.


Kand’ abatabazi bazodūga ku musozi Siyoni, ngo bacire urubanza umusozi wa Esau; kand’ ubgami buzoba ubg’ Uhoraho.


Ut’ Uwo ni we azomwubakira ingoro, ibe iy’ izina ryiwe, uti Kand’ azokomeza intebe yiwe y’ubgami gushitsa ibihe vyose.


Nti Nzoshimangira uruvyaro rwawe gushitsa ibihe bidashira; Ingoma yawe nzoyikomeza, gushitsa ibihe vyose. Sela.


Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.


ni ho intebe y’ubgami izoshimangirwa n’imbabazi, kandi hazobah’ ūzoyivyagirako mu kuri, mu nzu ya Dawidi, ar’ umucamanza ashishikara izibereye, akabanguka gukora ivy’ ukugororoka.


Rāba imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzonagisha kuri Dawidi uwitwa Shami w’umugororotsi, kand’ azoganza nk’ umwami, agire ikiganza ciza, ace iziroranye n’izibereye mu gihugu.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


Nshinze icagezwe ngo mu bgami bganje iyo buva bukagera, abantu bahindire agashitsi imbere y’Imana ya Daniyeli, bayubahe: kukw iyo ari yo Mana nzima, ihora ihangamye ibihe vyose; ubgami bgayo ntibuzokwigera buhangūra, kand’ ingoma yayo izoshika no kw iherezo.


Mariya abaza umumarayika, at’ Ivyo bizobaho bite, ko ntaramenya icitwa umugabo?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite