Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Maz’ asohotse ntiyagira ico ashobora kuvugana na bo, bamenya yuko har’ ico yerekewe ahēra h’urusengero: arabagereraniriza, agumya kuba ikiragi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Ariko asohotse, ntiyashobora kuvugana na bo. Abantu baca batahura ko hari ivyo yerekewe mu rusengero, kuko yabavugisha akoresheje ibimenyetso vy’amaboko, ntavuge.

Gade chapit la Kopi




Luka 1:22
8 Referans Kwoze  

Bagereraniriza se, bamubaza ukw agomba ko yitwa.


Amukundiye, Paulo ahagarara ku ngazi y’amabuye, amama abantu: hamaze kuba agacerere rwose, ababarira mu Giheburayo,


Maze basokorora Alekisandero mu bantu, Abayuda bamwīgiza imbere. Maze Alekisandero arabamama, agira yiregure ku bantu.


Arabamama, abīgānira uk’Umwami Imana yamukūye mw ibohero, arababgira, at’ Ivyo mubibarire Yakobo na bene Data bandi. Arahava, aja ahandi.


Simoni Petero amuvunira akagohe, ati Tubgire uwo avuze uw’ ari we.


Nzotuma ururimi rwawe rufatana n’uruhekenyero, ugobge ururimi, woye kubabera imbūri; kukw ar’inzu y’ abagarariji.


Abantu bāri barorereye Zakariya batangazwa n’ukw atevye ahēra h’urusengero.


Maz’ imisi yo gusasa kwiwe ishize, asubira i we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite