Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Maz’ umumarayika w’Umwami Imana aramwiyereka, ahagaze i buryo bg’igicaniro boserezakw imibavu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Maze umumarayika w’Umwami Imana yiyereka Zakariya, ahagaze i buryo bw’igicaniro bacanirako ibimota neza.

Gade chapit la Kopi




Luka 1:11
15 Referans Kwoze  

Umumarayika w’Uhoraho yiyereka uwo mugore, aramubarira, ati Rāba ur’ ingumba, ntiwigeze kuvyara; arik’ uzosama inda, uvyare umwana w’umuhungu.


Umumarayika wa gatandatu aravuza: numva ijwi riva ku mahembe ane y’igicaniro c’izahabu kir’ imbere y’Imana,


Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?


Maz’ umumarayika w’Umwami Imana ahenga mw ijoro yugurura inzugi z’ibohero, abakūrayo, arababgira,


Umumarayika arababgira, ati Nta co mutinya, umve ndababarira ubutumwa bgiza bg’akanyamuneza kenshi kazoba ku bgoko bganyu bgose.


Yinjira ah’ ari, aramubgira, ati N’amahoro, ugiriwe ubuntu, Umwami Imana ari kumwe nawe.


Umumarayika aramwishura, ati Ndi Gaburiyeli, nama mpagaze mu nyonga z’Imana, kandi natumwe kubonana nawe no kukubgira ubgo butumwa bgiza.


Nukw Imana yemerera Manowa; maz’ uwo mumarayika w’Imana asubira kugaruka aho wa mugore ari, amusanga aho yari yicaye mu murima; ariko Manowa umugabo wiwe ntiyari kumwe na we.


iyo mibavu ayishire kur’ uwo muriro aho nyene imbere yanje, kugira ng’ umwotsi w’iyo mibavu utwīkīre wa mutemere wo guhongerako, uri hejuru ya vya Bishinga intahe, kugira ngo ntapfe.


Umumarayika w’Umwami Imana ahagarara i ruhande yabo, ubgiza bg’Umwami bubakayanganira irya n’ino, baterwa n’ubgoba bginshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite