Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Kolosayi 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Dushima Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, twama tubasengera ubudasība,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Imisi yose dushima Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, iyo tubasengera,

Gade chapit la Kopi




Kolosayi 1:3
16 Referans Kwoze  

Mwese tubashimira Imana imisi yose, tubahoza mu kanwa uko dusenze,


Imana, nkorera nkurikiye ba sogokuruza, mfise umutima utanduye, utarimw’ ijwi rinyagiriza ikibi, ndayishimira yuko nkwibuka ubudasība, uko nsenze, ijoro n’umurango.


Ni co gituma natwe, uhereye igihe twavyumviye, tudahengeshanya kubasengera, no kubasabira ngo mwuzuzwe ukumenya ivy’ igomba n’ubgenge bgose no kumenya ivy’ impwemu,


Ndashima Imana yanje na ntaryo kubganyu, kubg’ ubuntu bg’Imana mwahērewe muri Kristo Yesu:


yadukijije ububasha bg’umwiza, atwimurira mu bgami bg’Umwana wiwe akunda.


Ni co gituma nanje, numvise ukwizera Umwami Yesu kuri muri mwebge, n’urukundo mukunda abera bose,


Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka.


kugira ngo muhimbaze n’umutima umwe n’akanwa kamwe Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ni yo Se.


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, Data wa twese w’imbabazi, kand’ Imana yirura imibabaro yose,


musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga, kand’ ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite