Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Sauli aravyuka, ava hasi, maz’ akanuye amaso ntiyagira ic’ abona: bamufata ukuboko, bamushikana i Damasiko.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Sawuli ava hasi, ariko yugurura amaso, ntiyashobora kubona. Baca bamufata ukuboko bamutwara i Damasiko,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:8
10 Referans Kwoze  

Maz’ ubgiza bg’uwo muco bumpumishije, abo twāri kumwe bamfata ukuboko, nshika i Damasiko.


Uwo mwanya ibisa n’ibikaragashi bimuva ku maso, arahumūka, ava hasi, arabatizwa:


Nuko rāba, ukuboko kw’Umwami Imana kuraguhanamiye, ugira uhume, umare imisi utabona izuba. Ako kanya igipfungu n’umwiza bimwubikizako, agenda azimagirika arondera uwo kumufata ukuboko.


Basuka uruhumyi kur’ abo bagabo bo ku rugi, uhereye ku bakuru n’abato; bacumukura barondera urwo rugi.


Uhoraho aramwishura, ati Ni nde yaremye akanwa k’umuntu? canke ni nde atera uburagi, cank’ ubupfamatwi, cank’ aha umuntu kubona, cank’ amuhumisha? Si jewe, Uhoraho?


Aburamu ahenga mw ijoro, abantu biwe abacamw’ ibico, barabatera barabanesha, barabakinagiza gushitsa i Hoba, ahahera i bumoso bg’i Damasiko.


Amarayo gatatu, atabona, ata co arya, ata co anywa.


I Damasiko icēgēra c’umwami Areta carindishije igisagara c’Abanyadamasiko ngo bamfate.


kandi sinadūze i Yerusalemu ku bantanguriye kuba intumwa, ariko nagiye muri Arabiya, kandi hanyuma nsubira i Damasiko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite