Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 ariko va hasi, ushike mu gisagara, uzobarirwa ivy’ ukwiye gukora.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko haguruka ushike mu gisagara, ni ho uzobwirirwa ivyo ukwiye gukora.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:6
33 Referans Kwoze  

Ndamubaza, nti Ngire nte ga Mwami? Umwami aranyishura, ati Va hasi, ushike i Damasiko, ni ho uzobaririrwa ivyashinzwe k’uzokora.


Ariko va hasi, hagarara n’ibirenge vyawe: kukw igitumye nkwiyereka, ar’ukugira ngo ngutoranye nkugire umukozi wanje n’icabona co gushingira intahe ivy’ umbonanye, n’ivyo nzokwiyerekeramwo;


Nuko rer’ abo nkunda, nk’uko mwamye muganduka abe ari ko mushitsa agakiza kanyu, mutinya muhinda agashitsi, yamara s’iyo ndiho gusa, ariko n’ubu nyene naho ntar’ iyo ni murushirize.


Kandi Yesaya ashira amanga cane, aravuga, ati Nabonywe n’abatāndondeye, Neretswe abatāmbaririkije.


Ko batari bazi ukugororoka kuva ku Mana bakarondera kwishingira ukugororoka kwabo ubgabo, ntibāganjwe n’ukuva ku Mana.


Nanje kera nariho, ntafise ivyagezwe: maz’ icagezwe kije, icaha kirarabūka, nanje ndapfa;


Arikw ivyagezwe vyaje na vyo, kugira ngo gucumura kugwīre: yamara, ah’ icaha cagwiriye ni ho ubuntu bg’Imana bgarushirije kugwira,


Nuko tuma i Yopa, utumeko Simoni ari we Petero: asembereye mu rugo kwa Simoni umuhazi w’insāto, i ruhande y’ikiyaga.


Baramwishura, bati Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana, umuntu agororoka yubaha Imana, ashimwa n’ubgoko bgose bg’Abayuda, yabariwe n’umumarayika yera kugutumako, ng’ uze i we, yumve amajambo yawe.


asembereye kwa Simoni umuhazi w’insāto, urugo rwiwe rur’i ruhande y’ikiyaga.


Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute?


Ishengero riramubaza, riti None tugire dute?


Ariko benshi b’imbere bazoba ab’ inyuma, kand’ ab’ inyuma bazoba ab’ imbere.


Ndavyumvise, amara yanje aradobangana, Iminwa yanje iradegezwa kubg’ iryo iwi; Ikimungu cinjira mu magufa yanje, mpindira agashitsi aho ndi; Nkwiye guhangana n’umusi w’amagorwa nduhutse, Igihe abansi bazotēza ubgoko bgacu ibitero.


Kukw ivyo vyose intoke zanje ari zo zabiremye, bikabaho vyose, ni k’ Uhoraho agize; arik’ umuntu w’impahazwa afise umutima umenetse, agahindishwa agashitsi n’ ijambo ryanje, uwo ni we nzohozakw ijisho.


Inzira ziwe narazibonye, kandi nzomukiza; nzomurōngōra, nzoheruka kumwirurana n’abāmuborogera.


Ewe Uhoraho, hahirwa umuntu uhana, Ukamwigishisha ivyagezwe vyawe;


Umuntu yubaha Uhoraho ni nde? Azomurangira inzira akwiye guhitamwo.


Sauli abonye ingabo z’Abafilisitiya, aratinya, aranduka umutima.


Arikw itanga ubuntu burushirije. Ni co gituma ivuga, it’ Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu.


Uheze uhamagare Isayi aze kur’ ico kimazi; nanje nzokwereka uk’ uzogenza; uz’ undobanurize amavuta uwo nzokurangira.


Arambarira, ati Mwana w’ umuntu, vyuka uhagarare n’ ibirenge vyawe, mbone kugira ico nkubarira.


Aho hantu nyene ni ho ukuboko kw’Uhoraho kwanziyeko; arambarira, ati Va hasi, uje mu kiyaya, iyo ni ho nja kubonanira nawe.


Aramubaza, at’ Uri nde ga Mwami? Na we ati Ni jewe Yesu, uwo urik’ urahīga;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite