Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Aramubaza, at’ Uri nde ga Mwami? Na we ati Ni jewe Yesu, uwo urik’ urahīga;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Na we arabaza ati: “Uri nde ga Mwami?” Rya jwi na ryo riti: “Ndi Yesu, uwo uriko urahama.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:5
15 Referans Kwoze  

naho nabanje kumurogotako no kumuhīga no kumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe kuko nabikoze ntabizi ntarizera;


N’inyabgenge mu mutima, n’inyabushobozi mu nkomezi: Ni nde yayikomantajek’ umutima, akaroranirwa?


Nanje ubganje nahora niyumvira muri jewe yuko nkwiye gukora vyinshi birwanya izina rya Yesu Umunyanazareti.


Azobona ibara, ūhāririza uwamuremye, kand’ ar’ akajo mu tujo two kw isi! Mbeg’ ibumba ryobaza ūrikw araribumba, riti Har’ ico wobumba? Cank’ igikorwa ukora covuga kw ata maboko ufise?


Cank’ Umwami tumutere ishari? Mbega tumurusha inkomezi?


ariko ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda, mwoye kuzosanga murwanya Imana.


Mugumbire urya Mwana, kugira ngo ntarake, namwe mugahonera mu nzira, Kuk’ uburake bgiwe bgoca buziriringa: Hahirwa abamuhungirako bose.


Ariko Yeshuruni amaze kuvyibuha, atēra akagere: Yaravyibushe, arasenyuka, acika igisēme; Maz’ aca areka Imana yamuremye, Akēngēra ca Gitandara c’ agakiza kiwe.


Yikubita hasi, yumva ijwi rimubaza, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki?


ariko va hasi, ushike mu gisagara, uzobarirwa ivy’ ukwiye gukora.


Petero at’ Oyaye, Mwami, kuko ntigeze ndya ikizira cank’ igihumanya.


Twese twikubise hasi, numva ijwi rimbgira mu rurimi rw’Igiheburayo, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki? Erega birakugoye gutera imigere ku mihunda.


S’ukugira ngo mpejeje kubihabga, canke ngo mpejeje gutunganywa rwose, ariko ndabandanya kugira ngo mbone gufata kimwe catumye nanje ubganje mfatwa na Kristo Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite