Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Bimenyekana i Yopa hose, benshi bizera Umwami Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Maze iyo nkuru ica yamamara i Yopa hose, kandi abantu benshi bizera Umwami Yesu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:42
17 Referans Kwoze  

Ababa i Luda n’i Saroni bose bamubonye bahindukirira Umwami Yesu.


kuko kubgiwe Abayuda benshi bābavako bakizera Yesu.


Nuko benshi mur’ abo Bayuda bari baje kwa Mariya, babonye ico Yesu akoze, baramwizera,


Ukuboko kw’Umwami kwari kumwe na bo, abantu benshi barizera, bahindukirira Umwami.


Yesu arasemerera, at’ Ūnyizera, si jewe yizeye, ariko yizeye uwantumye:


Yesu avyumvise aravuga, at’ Iyo ndwara s’iyo kumwica, ariko n’iyo gushimagirisha Imana, kugira ngo n’Umwana w’Imana imushimagirishe.


n’i Meyarakoni n’i Rakoni no mu ntāra irābana n’i Yopa.


natwe tuzohumbira ibiti i Lebanoni, ivy’ uzogomba vyose; tuzobikurungikira tubitēkeye imbambo, tubicishe mu kiyaga bishike i Yopa; nawe uz’ ubidūganishe i Yerusalemu.


Ariko Yona ava hasi ngw ahungire Uhoraho i Tarushishi, ave mu nyonga ziwe. Amanuka i Yopa, abona ubgato buja i Tarushishi: atanga ikibuguro, atambukira muri bgo, ngw ajane n’abagiye i Tarushishi, ave mu nyonga z’Uhoraho.


Kand’ i Yopa hār’ umwigishwa yitwa Tabita, risobanurwa ngo Doruka: uwo mugore yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi yagira.


Kandi kukw i Luda hāri hafi y’i Yopa, abigishwa, bumvise ko Petero ari yo ari, bamutumakw abantu babiri, bamwinginga, bati Ntutebe kudushikīra.


Maz’ amara imisi myinshi i Yopa, kwa Simoni umuhazi w’insāto.


None rero tuma abantu i Yopa, utumek’ umuntu yitwa Simoni, ari we Petero;


ahejeje kubīgānira vyose, abatuma i Yopa.


ati Nari mu gisagara c’i Yopa, ndiko ndasenga, mbona neretswe nko mu nzozi ikintu kimanuka kivuye mw ijuru, kimeze nk’uruhuzu runiniya rufashwe ku mitwe ine, kiza aho ndi.


Atwīgānira ingene yabonye umumarayika mu nzu yiwe, ahagaze amubarira, ati Tuma i Yopa, utumeko Simoni ari we Petero,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite