Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Amufata ukuboko, aramuhagarika. Maz’ ahamagara abera n’abapfakazi, amubaha ari muzima.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Petero aca amufata ukuboko aramuhagurutsa. Hanyuma ahamagara abizera, na canecane abapfakazi, amubashikiriza ari muzima.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:41
15 Referans Kwoze  

Kandi mur’ iyo misi, abigishwa bāriko baragwira, Abayuda bavuye i Bugiriki bidodombera Abaheburayo b’inyamo, kukw abapfakazi babo bīrengagizwa ku ngaburo y’imisi yose.


Araza, amufata ukuboko, aramuvyutsa, umururumbo urazima, arabazimana.


Bazana uwo muhungu ari muzima, imitima yabo iraruhuka.


Maz’ amufata ukuboko kw’i buryo, amukūra hasi: ako kanya ibirenge vyiwe n’ingingo zavyo bica birakomera,


Uwari yapfuye aravyuka, aricara, atangura kuvuga; Yesu amuha nyina.


Ashitse hafi y’irembo ry’igisagara, hasokoroka abajanye umuvyimba kuwuhamba, ariko yar’ ikinege, kandi nyina yar’ umupfakazi: abantu benshi bo mur’ ico gisagara bari kumwe na we.


Uhoraho ni we azigama inyambukīra; Ashigikira impfuvyi n’umupfakazi; Arikw inzira y’abanyakibi arayigoreka.


Umugorwa yarampezagira, Kandi nanezereza umutima w’umupfakazi.


Maze Eliya yābīra uwo mwana, aramwururukana amukūye mur’ ico cumba co hejuru, aramwinjirana amuha nyina; Eliya aramubarira, at’ Eh’ umwana wawe ni muzima.


Baramubarira, bati Yosefu aracariho, ni we wa mugaba w’igihugu cose ca Egiputa. Umutima wiwe uca ugwa igihumura, ntiyavyemera.


Ananiya aramwishura, ati Mwami, uwo mugabo ko numvise benshi bavuga ivyiwe, vy’inabi nyinshi yagirira abera bawe i Yerusalemu:


Nuko Petero agendagenda hose, amanuka no ku bera baba i Luda,


Wubahe abapfakazi b’inyakamwe vy’ukuri.


Umupfakazi w’inyakamwe asigaye ar’ umwe, yizigira Imana, agashishikara kwinginga no gusenga ku murango no mw ijoro.


Aramubarira, ati Yābīre. Atuma ukuboko arayābīra.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite