Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Petero arabataramura bose, arapfukama, arasenga; maz’ ahindukirira umuvyimba, ati Tabita, vyuka. Arakanura; maz’ abonye Petero, aravyuka, aricara.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 Maze Petero arabataramura bose, aca arapfukama arasenga. Hanyuma ahindukirira ikiziga, avuga ati: “Tabita, vyuka!” Nuko tabita arakanura. Abonye Petero, aca aravyuka aricara.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:40
14 Referans Kwoze  

Abantu bamaze guhindirwa hanze, arinjira, amufata ukuboko, umukobga aravyuka.


Araheza arapfukama, asemerera n’ijwi rirenga, ati Mwami, ntubaharūrekw iki caha. Amaze kuvuga artyo, aca aracīkāna. Kandi Sauli na we yarabishimye ko yicwa.


Amufata ukuboko, avuga n’ijwi rirenga, ati Mukobga, vyuka.


Amaze kuvuga artyo, arapfukama, asengera hamwe na bo bose.


Atandukana na bo, ashika nk’ahoterwa ibuye, arapfukama, arasenga,


Yesu abonye abantu bagwirirana biruka, akankamira iyo mpwemu ihumanye, ati Yewe mpwemu y’ikiragi kandi y’igipfamatwi, ubganje ndakubariye muvemwo, ntukamugarukemw’ ukundi.


Turangije iyo misi, tuvayo turagenda, bose baduherekezanya n’abagore n’abana, baturenza igisagara, dupfukama ku musenyi, turasenga.


Ariko weho, iy’ usenga, uje haruguru mu nzu yawe, wugare urugi, usenge So aba mu mpisho, kandi So, akuboneye mu mpisho azoguhēra.


Se wa Pubiliyo yar’ arwaye inyonko kand’ agacibgamw’ amaraso, maze Paulo yinjira i we, arasenga, amurambikakw ibiganza, aramukiza.


Nuk’ uwo muvugishwa Yesaya atakambira Uhoraho; na we ahēra ah’ igitūtu cari kigeze ku ntambuko z’urugero rwashinzwe na Ahazi, asubiza ico gitūtu inyuma intambuko cumi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite