Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yikubita hasi, yumva ijwi rimubaza, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Maze agwa hasi, yumva ijwi rimubwira riti: “Sawuli, Sawuli, uriko umpamira iki?”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:4
22 Referans Kwoze  

Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we yantumye kumuhesha icubahiro mu mahanga yabanyaze; at’ Ūbakorako aba akoze ku mbone y’ijisho ryiwe.


Nk’uk’ umubiri ar’ umwe, ukagira ingingo nyinshi, kand’ ingingo z’umubiri zose nah’ ari nyinshi ar’ umubiri umwe, ni ko na Kristo ari.


Rāba rer’ ukugira neza kw’Imana, n’ubuhambazi bgayo: ku bāguye n’ubuhambazi, ariko kuri wewe n’ukugira neza kw’Imana, ni waguma mur’ ukwo kugira neza kwayo: kuko n’utagira urtyo, nawe uzohanyurwa.


Yababaranye na bo mu mibabaro yabo yose, kand’ umumarayika yama ahagaze mu nyonga ziwe yarabakiza: urukundo rwiwe n’ikigongwe ciwe ni vyo vyamuteye kubacungura; yarabaterura akabaheka imisi yose ya kera.


Maz’ umumarayika w’Uhoraho amuhamagara ari mw ijuru, at’ Ewe Aburahamu, Aburahamu! Aritaba, ati Sabge.


Aramubaza, ati Hagari, ncoreke ya Sarayi, uva he ukaja he? Aramwishura, ati Mpunze mabuja Sarayi.


kuko tur’ ingingo z’umubiri wiwe.


Ni nde aguteye kwitandukanya n’abandi? Kand’ ic’ ufise utāhawe n’igiki? Ariko namba waragihawe, n’iki gituma wirata, nk’ūtāgihawe?


Nuko barangije kurya, Yesu abaza Simoni Petero, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urankunda kurusha aba? Na we at’ Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera. Aramubgira, at’ Ahura imyagazi y’intama zanje.


Umwami na we azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mwabigiriye umwe mur’ aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye.


Uhoraho Imana ahamagara uwo muntu, aramubaza, at’ Uri hehe?


Yesu aramuhamagara, ati Mariya. Na we arahindukira, amwitaba mu Giheburayo, ati Rabuni (risobanurwa ngo Mwigisha).


Amaze kubabarira, ati Ni jewe, bagenza imigongo, bagwa hasi.


Umwami Yesu aramwishura, ati Marita, Marita, urīganyira wigora muri vyinshi:


ati Ni mwīgireyo, muve mur’ iri shengero, ndarirandure mu kanya isase. Baca barapfukama, barūnama.


Uhoraho abonye yukw akīkamishwa no kubirāba, Imana imuhamagara iri hagati mur’ ico gisaka, iti Mose, Mose! Aritaba, ati Sabge!


Uwo mwanya agwa imbere y’ibirenge vyiwe bukumbi. Ya misore yinjiye isanga amaze guhwera, iramujana, imuhamba i ruhande y’umugabo wiwe.


Numva ijwi ry’Umwami Imana rivuga, riti Ndatuma nde, ni nde yotugīra? Maze ndavuga, nti Ndi hano, ba ari jewe utuma.


Aramubaza, at’ Uri nde ga Mwami? Na we ati Ni jewe Yesu, uwo urik’ urahīga;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite