Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Petero arikora, ajana na bo: ashitseyo bamujana muri ya nzu yo hejuru, abapfakazi bose bahagarara i ruhande yiwe barira, berekana amapfundo n’imitamana Doruka yapfunditse akiri muri bo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Nuko Petero arahaguruka asubirana unyuma na bo. Bashitse baca bamutwara muri cuba co hejuru. Abapfakazi bose baraza bakikuza Petero bararira, bamwereka amakanzu n’izindi mpuzu Dorukasi yari yarabakoreye akiri kumwe na bo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:39
26 Referans Kwoze  

twibuka ubudasība ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n’ubutame buva mu rukundo, n’ukwihangana kuva ku kwizigira Umwami wacu Yesu Kristo, imbere y’Imana yacu, ni yo Data wa twese.


Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza, kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye.


Kwibuka umugororotsi kurimw’ umugisha, Arikw izina ry’umunyavyaha rizozimangana.


Bana bato, ntidukundane mu majambo canke ku rurimi, ariko dukundane mu vyo dukora no mu kuri.


Ariko bene Data, ntitugomba ko muyoberwa ivy’ abasinzira itiro ry’urupfu, ngo ntimubabare nka ba bandi badafise ivyizigiro.


Kukw iyo har’ umutima ukunze, wemerwa ku vy’umuntu afise, si ku vy’ adafise.


Nabahaye akarorero muri vyose, yuko mu butame nk’ubgo, ari ko mukwiye gufasha abadakomeye, no kwibuka amajambo y’Umwami Yesu, ingen’ ubgiwe yavuze, ati Gutanga kuzana umugisha, kuruta guhabga.


Amufata ukuboko, aramuhagarika. Maz’ ahamagara abera n’abapfakazi, amubaha ari muzima.


Abantu bubaha Imana bahamba Stefano, baramuborogera cane.


Kandi mur’ iyo misi, abigishwa bāriko baragwira, Abayuda bavuye i Bugiriki bidodombera Abaheburayo b’inyamo, kukw abapfakazi babo bīrengagizwa ku ngaburo y’imisi yose.


Nkiri kumwe na bo, nabazigamiye mw izina ryawe wampaye. Narabashibamyeko, kandi nta n’umwe muri bo yapfuye rubi, atari wa mwana wo gupfa rubi, kugira ngw ivyanditswe bishike.


Aboro murāmana imisi yose, ariko jeho ntituja kwamana imisi yose.


Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.


Akoze ukw ashoboye, ansutse amavuta ku mubiri kuwutegurira guhambga bitaraba.


Aboro muramana imisi yose, ariko jeho ntituja kwamana imisi yose.


Yesu arishura, ati Yemwe ab’ iki gihe mutizera b’ibidambidambi, nzogeza ryari kubana namwe; nzogeza ryari kubihanganira? Ni mumunzanire hano.


Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’ inama cank’ ukumenya cank’ ubgenge i kuzimu ah’ urāriye kuja.


Yemwe bakobga b’Abisirayeli, ni muririre Sauli, Yahora abambika impuzu zisa n’agahama, mugashaza, Yashariza impuzu zanyu n’ utugenegene tw’izahabu.


Bashitseyo, barūrira baja mu nzu yo hejuru, aho bāri basembereye, ari Petero, na Yohana, na Yakobo, na Andereya, na Filipo, na Toma, na Barutolomayo, na Matayo, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni Zelote, na Yuda mwene Yakobo.


Wubahe abapfakazi b’inyakamwe vy’ukuri.


Umupfakazi w’inyakamwe asigaye ar’ umwe, yizigira Imana, agashishikara kwinginga no gusenga ku murango no mw ijoro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite